ITANGAZO RISOZERA IBIKORWA VY’INAMA YA BOSE YO MURI KIGARAMA 2022

Kuva kw’igenekerezo rya gatanu gushika ku ry’icenda Kigarama 2022, Abepiskopi b’Ekleziya Gatolika b’i Burundi barakoraniye hamwe mu nama yabo isanzwe y’ukwezi kwa Kigarama. Iyo nama  yabereye i Bujumbura ku cicaro c’Inama yabo i Kiriri.

  • Igisabisho giheze, Umwepiskopi arongoye inama yaciye ashikiriza ijambo ryo kwugurura ibikorwa aho yibutsa canecane ko Ekleziya y’i Burundi yinjiye muri Yubile y’imyaka 125 iheze Inkuru Nziza ya Yezu Kristu ishitse aha iwacu. Iryo jambo riheze Abepiskopi baciye babanza guhanahana amakuru yerekeye ubuzima n’ubutumwa mu ma Diyoseze bashinzwe.

  • Bose barakengurukiye Imana ku ngabire y’abakristu benshi bateguwe bakongera bagakomezwa muri Mutima Mweranda. Mu madiyoseze yose, mu mezi yo mu ci haratiwe abasaserdoti, ahatari hake naho mu miryango y’abihebeyimana harakirwa indagano. Ivyo vyose bikaba biri mu vyerekana ko Ekleziya y’i Burundi iguma itera intambwe mu kuronka abatumwa bamenyesha Inkuru nziza ya Yezu Kristu haba mu gihugu canke ahandi.

  • Amaparuwasi amwe amwe yarahimbaje amayubile y’imyaka amaze ashinzwe, ayandi na yo akaba yaratanguye kwitegurira kuyahimbaza. Noneho Ekleziya yose y’i Burundi yarinjiye icese mu mwaka wa Yubile y’imyaka 125 iheze Inkuru nziza ya Yezu Kristu itanguye kumenyeshwa hano iwacu. Haraheze kandi imyaka ijana umwepiskopi wa mbere muri Ekleziya y’i Burundi, Musenyeri Yuliyano Gorju ashikirijwe intebe y’ubwungere hariya i Mugera.

  • Mu gisata c’inyigisho ziguma zihabwa imirwi imwe imwe muri Ekleziya, haratunganijwe mu madiyoseze yose amahuriro y’urwaruka hamwe n’ihuriro ry’urwaruka ruvuye mu madiyoseze yose ryabereye i Muyinga kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika ku rya 19 Myandagaro. Iryo hwaniro ryari rifatanye n’ikoraniro kaminuza rishimikiye ku nyigisho z’ukuzirikana isakaramentu ryeranda rwose ry’Ukaristiya n’ukuriteramira. Haranatunganijwe inyigisho nkarishabwenge zahawe abasaserdoti mu madiyoseze yabo.

  • Abungere ba Ekleziya barahimbawe kandi mu kwumva ko ibikorwa vy’integuro y’ugushira mu murwi w’abahimbazwa Padiri Misheli Kayoya, abasaserdoti b’abasaveriyani n’umulayike biciwe i Buyengero hamwe n’abana bapfiriye umuvukano mw’iseminari ntoyi y’i Buta, biheruka gusozerwa ku rwego rwa Diyoseze. Ni vyiza rero ko umuryango w’abakristu ushishikara gusabira izindi ntambwe zikurikira z’ico gikorwa.

  • Abungere ba Ekleziya baranasubiye kwibukana iteka Nyenicubahiro Musenyeri Venansi Bacinoni bahora basangiye inama, aheruka kurenguka i Bukama. Baranibutse abasaserdoti baheruka gushengera mur’aya mezi aheze.

  • Mu madiyoseze yose harabaye ukurimburira hamwe ubutumwa bwaranguwe mu mwaka uheze, haca hugurugwa icese umwaka mushasha w’ubutumwa w’2022 ushira uw’2023.

  • Ku vyerekeye ubuzima bw’igihugu, Abungere barashima cane ko hariho umutekano nka hose naho amatati yo mu ngo asa n’aza ariyongera kugeza naho haba ubwicanyi mu miryango. Abungere baratewe umutima uhagaza n’intambara ziriko zirabera mu buseruko bw’igihugu kibanyi ca Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo. Barateye intege abo bose bagira utwigoro mu ntumbero y’ukugarukana amahoro mur’ico gihugu kandi babandanya bagisabira.

  • Abungere bararajwe ishinga n’ubukene bw’ibifungurwa mu masoko, ibibonetse navyo bikagurishwa ku biciro vy’umurengera kandi bidahengeshanya kuduga. Ivyo bikunyurwa n’uko hose imvura yatasuye itevye bigatuma abantu bahagarikwa umutima kuko batiteze umwimbu mwiza w’agatasi.

  • Abepiskopi barashikirije kandi amakenga bafise ajanye n’ingorane z’ukwiyunguruza zivuye kw’ibura ry’igitoro co mu bwoko bwa essence riza ririsubiriza, naho mu misi iheze abantu bari batanguye gusubiza umutima mu nda.

Bahejeje guhanahana amakuru, Abepiskopi baciye bicarira ivyari bitegekanijwe ku rutonde rw’ivyigwa mur’iyo nama.

  1. Kubera ko Ekleziya y’i Burundi yinjiye mu mwaka wa Yubile y’imyaka 125 Inkuru Nziza ya Yezu Kristu ishitse aha iwacu, Abepiskopi bararabiye hamwe integuro y’intumbero nyayo y’iyo Yubile hamwe n’ivyokorwa kugirango umuryango w’Ekleziya utere intambwe nshasha mu kwemera. Bafatiye ku civugo c’iyo Yubile, baciye bashinga ko hategekanijwe ibi bikurikira:
  • Gushira mu majambo igisabisho ca Yubile coherezwa mu maparuwasi yose no mu mibano;

  • Gutunganya inama ihuza abegwa bose (états généraux) n’ivyerekeye urugo muri rusangi be n’urugo rukristu cane cane, ubuzima bwarwo mu bihe vya none hamwe n’ubutumwa bwarwo bw’ukumenyesha Inkuru nziza;

  • Kwemeza ukwitanga kw’abamisiyonari ba mbere, mu gushinga ivyibutso mu bibanza bimwe bimwe babayemwo mu Burundi;

  • Gushinga n’ugutunganya ikigo gitanga inyigisho zikomeza muri Ekleziya y’i Burundi umutima w’ukuba abamisiyonari zikongera zigategura abamisiyonari b’abarundi imbere yuko baja gutangura ubutumwa mu mahanga.

  • Harategekanijwe rero n’ibindi bitari bike nk’ingendo nyeranda ahashinzwe imisiyoni zambere zahavuye ziba amaparuwasi, gutunganya inama-nyigisho ku vyerekeye ingo n’imiryango...

  1. Mu nyuma y’ico gikorwa nyamukuru, Abepiskopi baratosoye impinduro mu rurimi rw’igifaransa y’urwandiko rw’itegeko rigenga abamenyeshamana mu Burundi. Barongeye baratosora uko abo bari batumye bahinduye mu kirundi urwandiko rw’umugirwa wo gushikiriza ibanga ry’ubumenyeshamana nkuko wategekanijwe n’ikete Antiquum Ministerium ry’Umuvyeyi wacu Papa Fransisiko. Izo nzandiko zompi barazemeje.

  2. Baciye babandaniriza ibikorwa vyabo ku guheraheza impinyanyuro y’urwandiko rw’itegeko ngengabikorwa ry’urwego rugizwe nInama yabo nk’Abepiskopi gatolika b’i Burundi.

  3. Ico gikorwa giheze, barakiriye abasaserdoti barongoye amaseminari makuru bari kumwe n’abanyabigega bayo. Abo bakaba bari baje gushikiriza amaraporo y’uburyo ayo maseminari yakoresheje be n’ubwo yabungabunze mu mwaka uheze, hamwe n’integekanyo y’ubwo azokoresha be n’ubwo azobungabunga muri uyu mwaka. Abepiskopi barashimiye ayo masemanari uko ari ane kuko basanze uburyo buboneka bukoreshwa neza kandi ko muri rusangi ayo maseminari ariko aratera imbere mu kwongereza ibiyabeshaho.

  4. Abungere basozereye ibikorwa vy’inama yabo bihweza integuro y’igitabu kigenga itunganywa ry’imirimo n’ikoreshwa ry’uburyo mu madiyoseze. Barashimye iyo nteguro baca basaba ko diyoseze imwe imwe yose yoyisunga mu gikorwa co gutegura igitabu ben’ico, cayo bwite.

  5. Bamaze guhetura ivyari vyategekanijwe kwigwa mu nama, Abepiskopi baratoye abarongozi bashasha b’urwego rwabo. Umukuru w’Inama yabo mushasha yatowe ni Nyenicubahiro Musenyeri Bonaventura NAHIMANA, Umwpiskopi mukuru wa Gitega, ahagarariye n’Umuvyeyi wacu Papa mu burongozi bwa Diyoseze ya Rutana. Icegera ciwe na we ni Nyenicubahiro Musenyeri Salvatori NICITERETSE, Umwepiskopi wa Bururi.

 

Bigiriwe i Bujumbura  ku wa 9 Kigarama 2022.

Kubw’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi

 

             + Yohakimu NTAHONDEREYE

                                           Umwepiskopi wa Muyinga, Umukuru w’Inama       

                   y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi.