INYIGISHO YA PAPA FRANSISIKO YO KU MUSI MPUZAMAKUNGU WO GUSABIRA ITORWA

INYIGISHO YA PAPA FRANSISIKO YO KU MUSI MPUZAMAKUNGU WO GUSABIRA ITORWA

“Twahamagariwe kubiba umwizero no kwubaka amahoro”

Bavukanyi mwese,

Umusi mpuzamakungu wahariwe gusabira itorwa udutumirira, uko umwaka utashe, kwihweza ingabire idasanzwe y’umuhamagaro  Umukama ashikiriza umw’umwe be  n’igihugu ciwe kiri ku rugendo, kugira ngo dushobore kugira rwacu umugambi wiwe w’urukundo, duteko dushingire intahe ubwiza bw’Inkuru Nziza mu mihagaro uko itandukanye. Ugutega yompi umuhamagaro w’Imana, naho twobitumwa n’intumbero yo kuyihebera, ntushobora gufatwa nk’itegeko rivuye hanze ; ahubwo ni uburyo burashe bwo gukuza no kugaburira  akanyota ngendanwa k’ubuhirwe kuko ubuzima bwacu buronka intumbero n’insiguro iyo dutegereye ico turi, ingabirano dufise n’ukugene dushobora kuzikoresha ngo zigirire akamaro bose ; iyo dutegereye inzira twofata  ngo dushobore kuba ikimenyesto n’igikoresho c’urukundo, c’ukwakira abatugana, c’ubutore n’amahoro aho duherereye.

Nico gituma uyu musi wama utubera akaryo keza ko kwibukana ubukengurutsi, imbere y’Umukama, iteka ry’ukugumya ibanga, riranga abo bose, uko bukeye uko bwije, mu tuntu tubayabaye, tuzira urwamo, bakiriye umuhamagaro bagaheba ubuzima bwabo bwose. Ndiyumvira abo bavyeyi bose batarondera ubwambere inyungu zabo kandi ntibajane nyabahururu, mugabo bakabaho bitwararitse kuryohora imigenderanire yabo irangwa n’urukundo rutirondera, bakakira ingabire y’ubuzima ari nako bitwararika kurera no gukuza abana babo. Ndiyumvira kandi abo bose bitanga batiziganya ari nako bazi, kandi bemera gufashanya n’abandi ; ndabona kandi n’abo bose  bitanga mu bisata bitandukanye no mu buryo bwinshi kugira ngo baryohore iyi si yacu irangwe n’ubutungane, itunganywa ry’ubutunzi ridakumira, hamwe n’intwaro ibereye kugira bubake umubano mwiza. Sinokwibagira abo bose bitanga n’ishaka ryinshi ngo baterere  ku neza ya bose.

Ndiyumvira abihayimana bahebera ubuzima bwabo bwose Umukama haba mu gacerere k’igisabisho, haba mu kwanzaganya mu butumwa, mbere bakanabukorera aho bahana urubibe, bakitanga batiziganya ngo bateze imbere  akarangamutima kabo n’umutima ukerebukiye kwama urondera gutera imbere, batibagiye gufashisha ako karangamutima abo bahwana bose.

Ndibuka kandi n’abo bose bakiriye umuhamagaro wabo w’ubuherezankuka maze bakitangira kumenyesha Inkuru nziza badatinya gutanga ubuzima bwabo mu kwifatanya na Kristu yihereza mu Nkuka y’Ukaristiya, ngo bihebere bene wabo mu kubiba umwizero no mu gushingira intahe ubwiza bw’Ubwami bw’Imana.

Ndiyumvira urwaruka, cane cane abo bose bumva ko bari kure y’Umuryango w’Ekleziya canke bakikumira. Nagira ndababwire nti : Nimukundire Yezu abakondore, mumuture imitwaro yanyu yose cane  cane ibaremereye, ari nako mwisunga Inkuru nziza, mwemere mumwakire abadurumbanye kugira ngo abatunganye. Ni we wa mbere asonera rwose umwidegemvyo wacu, ku buryo ataduhata ahubwo atwinginga. Ni mumuhe ikibanza kugira mwironkere ubuhirwe igihe cose muzomugendanira, maze niyabibasaba muheze mumuhebere n’ubuzima bwanyu bwose.

Turi igihugu kiri ku rugendo

Ubutore bw’ubudasa bw’ingabirano n’imihamagaro umuryango w’abakristu wemeza kandi ugaherekeza, buradufasha gutegera bisumbirije akaranga kacu k’abakristu. Turi igihugu c’Imana kiri ku rugendo, mu kubeshwaho na Mutima Mweranda ngo tube amabuye mazima yubaka Umubiri wa Kristu, maze umwe wese akamera nk’urugingo rw’Umuryango wagutse w’abana b’umuvyeyi, abavukanyi hagati yabo.

Ntitumeze nk’amazinga yo mu gahinga ka nyaganande, mugabo turi ingingo zubatse umuryango. Ni naco gituma umusi mpuzamakungu wo gusabira itorwa urangwa n’ingendo nsangizangendo. Nkako, turafise ingabirano nyinshi za Mutima tukaba duhamagariwe kwumvirizanya no kugendera hamwe kugira ngo dufashanye kwubura ishaka rya Mutima Mweranda ritwakurira ineza kuri bose.

Mu bihe tugezemwo, inzira turimwo ituganisha ku guhimbaza Umwaka wa Yubile y’2025. Tuve hasi tugende  tumeze nk’abakerarugendo b’umwizero tugana Umwaka mweranda, maze uko tugenda tuzirikana umuhamagaro wacu, ari nako tunywanisha ingabirano zitandukanye za Mutima, dushobore gushikiriza abantu indoto ya Yezu yo kurema umuryango umwe urangwa n’ubumwe bukomoka ku rukundo rw’Imana rwiserura mu gusabikanya no mu gukomeza umuvukano.

Uyu musi wahariwe rero kwazambira Data ngo aturonse ingabire y’imihamagaro myeranda yo kumwubakira Ubwami: “Sabe rero nyene umurima arungike abakozi benshi mu murima wiwe” (Lk 10, 2). Igisabisho na co turazi ko kigizwe cane cane no gutega amatwi gusumba kugwiza amajambo tubwira Imana. Umukama ayagira Umutima wacu, ni co gituma yipfuza kwama awusanga uri inda nsa, uteze nk’irembo, uzira amahinyu. Ijambo ryiwe ryarigize umuntu muri Yezu Kristu, yaje atumenyesha ishaka ryose rya Data. Muri uyu mwaka w’2024 wahariwe gusabira integuro ya Yubile, duhamagariwe kwubura ingabirano idasanzwe yo gushobora kuyaga vyimbitse n’Imana yacu ngo bidufashe kuba abakerarugendo b’umwizero, kuko « igisabisho ari yo nkomezi ya mbere y’umwizero.  Uko usenga ni ko umwizero wongerekana, nawe kandi ni ko utera uja imbere. Igisabisho kirugururira umuryângo umwizero. Ni ivy’ukuri umwizero ni ho uba usanzwe uri, mugabo mu gisabisho ndawugururira umuryângo » (Catéchèse, 20 mai 2020).

Tube abakerarugendo b’umwizero n’abubatsi b’amahoro

Mbega ukuba abakerarugendo bisigura iki? Uwigiriye umugambi wo kuba umukerarugendo abanza kwibaza neza intumbero, kandi akayigumya mu bwenge no mu mutima. Mugabo kugira ngo ayishikeko ahamagariwe kwitwararika intambwe ateyeko muri k’ubu. Ivyo bimusaba kutagira ivyo yiremereza, akiyambura ivyo vyose bidakenewe, agatekera ivyangombwa kandi akamizako imisi yose kugira ngo uburuhe, ubwoba, ugukekereza n’umuzimagiza ntibibangamire  urugendo rwiwe.

Gutyo, ukuba abakerarugendo bisigura kwemera kuva hasi imisi yose ata kurambirwa, twitwaje ishaka n’ingoga zo kugira intambuko  zose zikenewe mu rugendo. Nkako, naho intambamyi zitobura, izo ntambuko ziduha gutera tuja imbere ngo twubure ibabanza n’ibintu bishasha.

Insiguro y’ubukerarugendo rukristu ni iyi: dufata urugendo tugiye kwubura urukundo rw’Imana, tukaboneraho no kurondera  kwimenya bisumbirije biciye mu rugendo rw’umutima tugira dufashijwe n’ubwinshi bw’imigenderanire dupfundika. Nico gituma rero turi abakerarugendo kuko twahamagariwe gukunda Imana no gukundana. Gutyo uburuhe bwacu bwo kuri iyi si ntibuherane n’uburuhe butagira ihangiro canke mu kuzimagirika kudahera. Ihi bambewe, imisi yose, uko tugendera itorwa ryacu, turagerageza kutaguma ha handi kuko dutera intambwe tugana isi nshasha, irangwa n’amahoro, ubutungane n’urukundo. Turi abakerarugendo b’umwizero kuko tugenda tugana kazoza keza kandi tukiyemeza kukubaka mu rugendo turimwo. Ni naryo hangiro nyamukuru ry’umuhagaro wose: kuba abantu b’umwizero. None rero nk’abantu n’imibano, mu budasa bw’ingabirano n’ubutumwa bwacu, duhamagariwe gushitsa bimwe bizima umwizero w’Inkuru nziza mu bantu ba none bahanzwe n’amageragezwa menshi. Muri ayo harimwo ukubangamirwa n’ingwano ya gatatu y’isi yose yiserura mu bice bice ; hari isinzi ry’impunzi zita igihugu cabo zirondera uburaro n’uburamuko bwiza ; hari umurindi w’igwirirana ry’aboro ; ukubangamira bitavugwa ibidukikije. Impande y’ivyo hakaba ingorane za misi yose zishobora kudutuma twihebura canke tugatana n’akabando.

Mu bihe turimwo, ni nkenerwa ko twebwe abakristu twimenyereza kugira indabo nshasha yuzuye umwizero kugira dushobore kwamisha ivyo dukora mu kwitaba umuhamagaro wacu ngo turemeshe Ubwami bw’Imana, Ubwami bw’urukundo, bw’ubutungane n’amahoro. Nkuko Paulo Mweranda abitubwira, uyo mwizero “ntumaramaza” (Rm 5,5), kuko ujanye n’umuhango Yezu yatwemereye wo kuzogumana natwe hamwe no kutwikorako ngo dusangire na we igikorwa  co kuducungura yaje kurangura mu mutima wa zina muntu wese, atibagiye n’ivyaremwe vyose. Uyo mwizero ushora imizi mw’izuka rya Kristu kuko “ryikwije inguvu z’ubuzima zanyengetereye isi.” Mu gihe vyose bisa n’ivyapfuye, hirya no hino haratutuza utugemwe tw’izuka. Ni inguvu zidasanzwe. Ni vy’ukuri, kenshi umengo Imana isa niyitariho kubera akarenganyo, ububisha, ukwinubana n’ubwicanyi biguma vyibonekeza. Yamara naho biri uko, ntitwibagire yuko mu muzimagiza hama hamera ikintu gishasha kizoteba gitanga icamwa” (Exhort. ap. Evangelii gaudium, n. 276). Paulo mweranda arasubira akemeza ko “twamaze gukira, ariko biracari mu mwizero” (Rm 8, 24). Icungurwa ryarangutse kw’Ipasika, riratanga umwizero, umwizero nyakuri, utayegayega, uduha guhangana n’ibibazo turimwo mu misi ya none.

Ukuba abakerarugendo b’umwizero n’abubatsi b’amahoro bisigura kwubakira ubuzima bwacu ku rutare rw’izuka rya Kristu, tuzi neza yuko utwigoro twacu twose tugira ngo tugendere ibanga ryacu tuguma turi n’akamaro. Naho hoba kudashika kw’ihangiro no kuburagizwa, ineza tubiba irakura mu gacerere kandi nta na kimwe gishobora kudutesha ihangiro ryacu. Naryo ni uguhwana na Kristu no gusangira akanyamuneza ko kubana nk’abavukanyi imyaka yose. Uyo muhamagaro wa nyuma dutegerezwa kuwubamwo uko bukeye uko bwije: ukunywana mu Rukundo n’Imana hamwe n’abavukanyi bitegerezwa gutangura tukiri hano kw’isi kugira ngo umugambi w’Imana uranguke. Nawo ni ukubana mu bumwe, mu mahoro n’umuvukano. Ntihagire n’umwe yumva ko akumiriwe muri uwo muhamagaro ! Umwe wese mu buto buto bwiwe, mu muhamagaro wiwe, afashijwe na Mutima Mweranda, arashobora kuba umubivyi w’umwizero n’ amahoro.

Tube intwari mu kwitanga

Kubera ivyo vyose, ndasubiriye kuvuga, nkuko nabigize kuri ya Sabukuru Mpuzamakungu ry’urwaruka i Lisibone, nti : Haguruka ! Nitwikangure tuve mw’itiro, ntitube ba “nshanokoriki”, twugurure imyango y’ibohero dukunda kwitamwo kugira ngo umwe wese  atore kandi arimbure umuhamagaro wiwe muri Ekleziya no kw’isi wo kuba umukerarugendo w’umwizero n’indemesha y’amahoro. Turwanire ubuzima kandi twitwararike cane cane abo tubana tutibagiye n’ibidukikije. Ndabisubiyemwo : ntimutinye kwitanga ! Don Oreste Benzi, yarabaye umutumwa w’intwari yamye yihebera abo bose bibagiwe, batagira amikoro, maze akama avuga ati : nta numwe akenye ku buryo atoronka ico gutanga, kandi nta numwe atunze ku buryo atogira na kimwe yoba akeneye. Duhaguruke rero, dufate urugendo nk’abakerarugendo b’umwizero. Nkako, nkuko Bikira Mariya yabigize aho yaja kuramutsa Elizabeti, natwe turashobora gushira abandi ubutumwa bw’akanyamuneza, kuvyara ubuzima bushasha no kuba abaremesha umuvukano n’amahoro.

Bigiriwe i Roma, Saint-Jean-de-Latran,
Ku wa  21/04/ 2024

Idominika ya kane ya Pasika

Fransisko

 

 

 

[Iyi Nyigisho yahinduwe mu kirundi n’Igisata gishinzwe ubutumwa n’inyigisho ndoramana mu Nama y’Abepiskopi Gatolika y’i Burundi]