ITANGAZO RY’INAMA Y’ABEPISKOPI GATOLIKA B’I BURUNDI RYEREKEYE INAMA Y’ISHIRAHAMWE RY’AMANAMA Y’ABEPISKOPI Y’IBIHUGU VY’AFRIKA YO HAGATI (ACEAC) IHERUKA KUBERA I ROMA KUVA KW’IGENEKEREZO RYA  16 GUSHIKA KW’IGENEKEREZO RYA 18 GITUGUTU 2023

Kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kw’igenekerezo rya 18 gitugutu 2023, Abepiskopi baserukira urwego nshingwabikorwa ry’Ishirahamwe ry’Amanama y’Abepiskopi y’ibihugu vy’Afrika yo hagati (Uburundi, Urwanda na Republika iharanira Demokrasi ya Kongo), bakoraniye hamwe mu nama hariya i Roma mu gihe hariko harabera Inama Nsangizangendo ihuza abaserukira Ekleziya yo kw’isi yose. Icivugo nyamukuru c’iyo Nama kivuga kiti : « Agura ihema ryawe » ( Izaya 54,2) abantu bisange mu mahoro batunge batunganirwe. Muri iryo koraniro bararabiye hamwe intererano y’Ekleziya Gatolika mu kugarukana amahoro mu karere k’ibiyaga binini vy’ Afrika.

Barabonye ko intambara ziguma zisubiriza muri bino bihugu vyacu, abene gihugu bakamana intekera ku mutwe, ziri mu bituma ubukene bwaka indaro muri kano karere k’ibiyaga binini vy’Afrika.

Baciye basaba ko abene gihugu bose bo muri  bino bihugu vyacu botahura ko ari abavukanyi babwirizwa kubana mu mahoro, bubaha ubuzima n’agateka ka zina muntu, bongera bafashanya kurondera iterambere rya bose.

Bariyemeje gukorana n’inzego z’ibihugu z’akarere na mpuzamakungu kugira ngo bafashanye kurandurana n’imizi indyane n’imidurumbanyo bituma abane gihugu bagira ubukene butagira izina kandi mu karere kacu Imana yaraduhezagije amatungo kama.

Baratera akamo abo bose babandanya babiba amacakubiri, indyane n’urupfu mu karere kacu, ngo bahinduke, boye kwisamburirako nk’intungwa, ariko barondere kwubaka kazoza keza k’urwaruka. Baciye bashimira abo bose bitanga batiziganya ngo umwizero n’amahoro ugaruke mu bihugu vyacu.

Barahimirije kandi abarongoye intwaro muri kano karere ngo bihatire guhagarika amagorwa y’abene gihugu baba mu buseruko bwa Republika iharanira Demokrasi ya Kongo, mu gutsimbataza amahoro hagati y’ama Leta no hagati y’abene gihugu yegukiye, mu gushiraho ivyankenerwa ngo dushobore kubana neza mu mahoro no mu muvukano. Barasvye bashimitse kandi abenegihugu ba bino bihugu bitatu vyacu, cane cane urwaruka n’abakenyezi ngo bime amatwi imvugo zibiba urwanko n’amacakubiri.

Muri iyo ntumbero yo guharanira amahoro muuri kano karere kacu, iryo shirahamwe ry’amanama y’Abepiskopi risanzwe ryarashinze ko, kuva mu mwaka w’2002, Idominika ya mbere y’Ubushikiro yoba umusi uhariwe gusaba amahoro muri ivyo bihugu bitatu.

Iyo nama iheruka kubera i Roma yafatiye aho, ica irashinga ko umusi w’Imana wa mbere w’Ubushikiro w’uno mwaka (3 Kigarama 2023) hoba imisa y’ugusaba amahoro, hanyuma iheze ico gisabisho kikabandaniriza mu rugendo rw’amahoro. Ivyo vyotunganywa mu madiyoseze n’amaparuwasi yose yo muri aka karere kacu. Hari n’ibindi bikorwa iyo nama yasavye ko vyotunganywa tuzoheza tukabamenyesha hageze.

Natwe Abungere banyu, turatumiriye abasaserdoti, abihebeyimana n’abakristu balayike bo mu maparuwasi yose gutunganya neza iyo Nkuka y’Imisa n’urwo rugendo kugira ngo tugire urunani mu gusaba no mu guharanira amahoro muri ibi bihugu vyacu.

Bikira Mariya Umugabekazi w’amahoro, akaba n’umutabazi w’abakristu, natubere mu ngoro, ngo turonke amahoro n’iterambere birama mu gihugu cacu no mu karere k’ibiyaga binini.

 

Bigiriwe i Bujumbura, igenekerezo rya 7 Munyonyo 2023

  Ku bw’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’I Burundi

         Musenyeri Bonaventura NAHIMANA