IMPUNDU YA YUBILE Y’IMYAKA IJANA N’IYATIRWA RY’ABASASERDOTI MURI PARUWASE BUSIGA

IMPUNDU YA YUBILE Y’IMYAKA IJANA N’IYATIRWA RY’ABASASERDOTI MURI PARUWASE BUSIGA

Kuri uyu wa gatandandatu igenekerezo rya 8/7/2023, muri Paruwase ya Busiga iri muri Diyoseze ya Ngozi, harabaye imigirwa y’iyatirwa mw’ibanga ry’ubusaserdoti n’ubudiyakoni, n’itangwa ry’ibice bigana iryo banga. Inkuka y’Imisa yatanguye igihe c’isaha zine n’igice  z’igitondo irongowe na Nyenicubahiro Musenyaeri Joriji BIZIMANA, Umwungere wa Diyoseze Ngozi.

Mu nsiguro yiwe, Umwungere yatanguye kubwira abari aho icatumye abantu bakoranira aho i Busiga agira ati : « Uyu musi hari urubanza rw’ukwatira Abasaserdoti bashasha hamwe n’uguhimbaza yubire y’imyaka ijana iyi Paruwase ya Busiga imaze. Niyo yabaye iya mbere muri Diyoseze ya Ngozi. Ni umusi mukuru w’ukugabana ivyiza vy’Imana.

Mu 1972, niho iyo paruwase yashikana imyaka 50, ariko ico gihe nta yubire yahabaye kuko mu gihugu hari ubwicanyi, ukuvuza izamba  bigasubirizwa n’ugucura intimba. Ubu rero harageze yuko umwe wese yirimbura akaraba ivyiza Imana yatugiriye, akisuzuma agaheza akamaramara, akagira ingendo y’ukwigaya n’ukugaruka ku Mana. Uyu musi wa yubire uhuriranye n’itangwa ry’ubusaserdoti. Abasaserdoti nabo badufasha gutsinda Shetani, kuko umusaserdoti nk’umwungere mwiza, ategerezwa kwitanga ngo ashobore gufasha abakristu  kuzoronka ubuzima budahera.

Mu bwuzure bwa kera, ubusaserdoti bwarahererekanywa, bari mu muryango wa bene Levi, barafasha abantu guhereza Inkuka z’ibitungwa abantu bagasubiza hamwe n’Imana, mugabo mu bwuzure bushasha, ni Yezu we nyene yashinze iryo sakramentu ku wa kane Mweranda, niwe yihereza kw’Inkuka. Umusaserdoti ahereza umukate n’umuvinyu bigahinduka umubiri n’amaraso vya Yezu.

Abasaserdoti  bategerezwa  kwitangira abakristu kandi nabo nyene bakihereza  mu gushira mu ngiro rya bwirizwa ry’urukundo kuko  twese turi imperezwa nzima. Kuba umuseserdoti ni ubutumwa budasanzwe kandi buraruhisha, kuko akura akarorero kuri Yezu we yemeye kurinda rugabo kugira ngo arokore abantu. Yezu niwe yitorera abo atuma, kuko mw’itorwa harimwo ikinyegezwa ca Yezu. Batorerwa kubandanya igikorwa ca Yezu. Uwutowe aratirwa, akaronka n’ikimenyetso kitazimangana. Aronka ubutumwa bw’ibanga, kandi mu vyo kubaho kw’abantu ntaco basumvya abandi. Imana itora abakengeretse. Ni co gituma Umusaserdoti ategerezwa kwifashisha ivyo afashisha abandi cane cane mu guhabwa isakramentu ry’ikigongwe niry’ukaristiya kuko nabo nyenye Shetani ntibagera umutwe ».

Insiguro iheze, hakurikiye imigrwa y’ugutanga ibice vy’ubusomyi n’ubukorezi hamwe n’ukwatira abadiyakoni n’abasaserdoti. Abatiriwe kuba Abasaserdoti ni 8 ; abo nabo ni Mariko BUTOYI (Paruwase Rukago), Yohakimu MANIRAKIZA (Paruwase Rwisabi), Selestino NDAYIKEZE (Paruwase Gatara), Epipode NDIKUBWAYO (Paruwase Gasenyi), Oscar Ntirampeba (Paruwase Rukago), Karori NZEYIMINA (paruwase Kiremba), Yuvinali SINDAYIGAYA (Paruwase Kiremba) hamwe na  Jean Christophe (Paruwase Nyamurenza, akaba asanzwe ari mu muryango w’abamisiyonari ba Africa bakunze kwita « Abapatiri bera-les Pères Blancs ». Haratiwe kandi abadiyakoni 10, hatangwa n’ibice vy’ubukorezi ku bafaratiri 12 hamwe n’Ubusomyi ku bafaratiri 6.

Twobamenyesha ko iyo Nkuka ya misa iheze, haciye hakurikira ukwigina ivyo vyiza bari bahejeje kugabana mugusangira akarahuri. Ni muri ico kiringo nyene amajambo atari make ajanye n’urwo rubanza yaciye ashikirizwa !

Philbert MIBURO