IYUGURURWA RYA PARUWASE NSHASHA YA MUKOBE

IYUGURURWA RYA PARUWASE NSHASHA YA MUKOBE

«Ese iyo nyigisho ya Papa yobera abanyamukobe uburyo nyabwo bwo kwitaho aboro n’ukumenyesha inkuru nziza y’urukundo».

 

Kw’igenekerezo rya 16/11/2019 kari akanyamuneza ntangere ku bakristu b’i Mukobe, aho umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega Musenyeri mukuru Simoni NTAMWANA yashinga icese paruwase ya Mukobe yitiriwe umweranda Tereza w’Umwana Yezu. Uwo musi kandi niho yaca yugurura umwaka w’ubutumwa mu ntara y’ubutumwa ya Giheta agirako ahezagira inyubakwa abasaserdoti b’i Mukobe bazobamwo.

Ivyo birori vyari vyitabwe n’abakristu isinzi batewe iteka n’abihebeye Imana n’imvukira za Paruwase Mukobe. Mu nkuka y’imisa, umwungere yari akikijwe n’abaserdoti batari bake. Mu nyigisho yiwe, yabasomeye ijambo Nyenubweranda Papa Fransisko yarungikiye abakristu bo kw’isi yose ku musi mpuzamakungu ugira gatatu wahariwe aboro, aho ashimikira ku busumbasumbane hagati y’abatunzi n’abakene, ikumirwa ryabo hamwe n’ico umwe wese ahamagariwe gukora ngo yiteho umworo mu kumubonamwo Kristu ababara. Musenyeri Ntamwana ati iyo nyigisho ya Papa yobera abanyamukobe uburyo nyabwo bwo kwitaho aboro n’ukumenyesha inkuru nziza y’urukundo.

Twobamenyesha ko iyo paruwase ibaye iya 53 muri Diyoseze nkuru ya Gitega.

Patiri Théophile NDAYISHIMIYE