IYUGURURWA RYA PARUWASE NSHASHA YA NYAKERU

IYUGURURWA RYA PARUWASE NSHASHA YA NYAKERU

«Igikorwa ca paruwase ni : “Gushikana mu bantu urukundo rw’Imana ivoma mw’ijambo ry’Imana n’amasakaramentu; gukuza abantu ngo bave mu kibi bitwararike iciza, ngo bave mu gicumuro baje mu bweranda”».

 Kw’igenekerezo rya 10 Munyonyo niho umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega Musenyeri Simoni Ntamwana yugurura paruwase nshasha Nyakeru yitiriwe umweranda Paulo Umutumwa. Uwo musi nyene niho yaciye yugurura umwaka w’ubutumwa mu ntara y’ubutumwa ya Mugera, agirako yatira abasangizi bashasha.

Munyigisho yatanze yashimikiye kur’aya majambo ngo: “Tube abatumwa b’imico myeru yubaka abantu n’igihugu cacu”. Yaramenyesheje abari aho igikorwa ca paruwase : gushikana mu bantu urukundo rw’Imana ivoma mw’ijambo ry’Imana n’amasakaramentu; gukuza abantu ngo bave mu kibi bitwararike iciza, ngo bave mu gicumuro baje mu bweranda. Imico, ibikorwa, ubuzima bwa misi yose atari mu bisabisho gusa, vyose bitegerezwa kwiyambika ubutore bukomoka ku bweranda. Yatumiriye abari aho kwibaza ico bagiye gukoresha iyo paruwase kugira nti bazotane ikivi abandi mu kumenyesha Kristu Rukundo rwa Data.


Mu kumenyesha icarico abasangizi yavuze ko ari abakristu bemera gutumwa kugaburira abandi Umukama Yezu m’Ukaristiya. Umusangizi ni umukristu aheza akanywana rwose na Kristu akongera akamunywanisha n’uwo wese agiye kwakira Umukama. Yatumiriye abakristu bose b’abakatolika kuba abambere mu kwubaka igihugu bishimikije imico myeru izotuma tubana neza mu mahoro. Ubuzima tubukura ku Mana yaturemeye kubaho imyaka yose maze bugakura umwuzurira mu rupfu n’izuka vya Yezu Kristu. Yabahanuye kutishinga ibisamaza nk’itelefone n’ibindi ariko bashire hejuru ukwemera kwabo; ukwo kwemera kwacu gukerebuke, kwongere kudufashe gusobanura icatsi n’ururo. Ukwo kwemera gushitse kutuvyarira ukwizigira gushitse n’urukundo rushitse. Yipfurije iyo paruwase kuba inkingi nzima n’akarorero k’ayandi maparuwase.

Twobamenyesha ko iyo paruwase igize iya 52 muri Diyoseze nkuru ya Gitega. Twobamenyesha kandi ko ibirori vy’uwo musi vyari vyatewe iteka n’abasaserdoti, abihebeyimana, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD/FDD ku rwego rw’igihugu hamwe n’imvukira z’iyo paruwase zikorera ahandi.

Patiri Théophile NDAYISHIMIYE