UMUSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE UBUZIMA BWIHEVYI WARAHIMBAJWE MURI EKLEZIYA IRI I BURUNDI

UMUSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE UBUZIMA BWIHEVYI WARAHIMBAJWE MURI EKLEZIYA IRI I BURUNDI

Aha mu Burundi ku rwego rw’igihugu, umusi mpuzamakungu wahariwe ubuzima bwihevyi  wahimbarijwe muri Diyoseze ya Ngozi kw’igenekerezo rya dwi Ruhuhuma 2021. Ibirori vyatanguwe n’igisabisho c’inkuka y’imisa catanguye igihe c’isaha zitandatu z’umutaga (12h00), cari kirongowe n’umwungere wa Diyoseze ya Ngozi Nyenicubahiro Musenyeri BIZIMANA Joriji.

Imbere y’uko imisa itangura abihebeyimana batari bake bo mu miryango itandukanye n’abasaserdoti bari bakikije umwungere, baragize urugendo binjira mw’isengero nkuru, y’i Ngozi,  bose bari bafise amatara yaka  mu minwe. Imbere y’uko imisa itangura nyezina, Patiri mukuru yarahaye ikaze abaraho bose yongera kandi yipfuriza umusi mukuru abihebeyimana bose.

Mu nyigisho yatanzwe n’umwungere wa Diyoseze ya Ngozi, yaribukije ko uwo musi usanzwe uhimbazwa muri Ekleziya kw’igenekerezo rya kabiri Ruhuhuma uko umwaka utashe. Kandi ko uwo musi utwibutsa iherezwa rya Yezu mw’isengero ry’i Yeruzalemu, aho abavyeyi biwe baja kumuhereza Imana, nkuko vyategerezwa ku mwana wese w’imfura.

Muri ico gihe rero, abihebeyimana nabo baca bibuka itorwa ryabo ry’ukwihereza kwabo. Uwo musi ukaba washinzwe n’umweranda Papa Yohani Paulo wa kabiri mu 1996, rero imyaka 25 irarangiye uwo musi mukuru ushinzwe, ngo kazokwame kaba akaryo, kubihebeyimana, ko kwibuka itorwa ryabo. Abihebeyimana ni ingabirano y’Imana muri Ekleziya, babuze haba habuze ikintu kinini cane.

Uyo mwepiskopi yaciye asaba abakristu balayike kwama bubaha banabubahiriza, kwama babafasha kuzigama indagano baraganiye Imana, mukubashigikiza igisabisho. Yaheraheje yibutsa ibintu bitanu biranga uwihebeyimana :

  • Akanyamuneza,
  • Gukangura isi ikava mu bubi irimwo,
  • Ukuba ivyabona bizima vy’urukundo,
  • Ukwugurukira abantu ngo bababonemwo ingene ubuzima turindiriye busa
  • Guha ikibanza kidasanzwe abagowe.

Uyo musi mukuru wasozerewe mu kanyamuneza ntangere!

 

Mama Claire GASASE, Mwene Mariya