ITANGAZO RYEREKEYE INAMA Y’ABEPISKOPI GATOLIKA B’I BURUNDI YO MURI NYAKANGA 2021

1. Kuva kw’igenekerezo rya 1 gushika ku rya 3 Nyakanga 2021, Abepiskopi b’Ekleziya Gatolika y’ i Burundi barakoraniye hamwe mu nama yabo isanzwe y’ukwezi kwa Nyakanga. Iyo nama yabereye mw’Iseminari Nkuru y’i Gitega yitiriwe umweranda Yohani Paulo wa II.


2. Igisabisho giheze, Umukuru w’Inama y’Abepiskopi yaciye ashikiriza ijambo ryo guha ikaze bagenziwe kumwe n’abatumire babo barimwo ubwambere Umushingwabikorwa wʹimfatakibanza ku Kirimba cʹIntumwa ya Papa mu Burundi, hamwe rero n’Ivyegera vy’abo Bepiskopi. Iryo kaze ryaciye ryuhirirwa n’ugushikiriza urutonde rw’ivyari bitegekanijwe kwihwezwa muri iyo nama.


3. Nk’uko bisanzwe, igikorwa cambere cabaye ic’uguhanahana amakuru ku bishasha biri muri Ekleziya ikwiye kw’isi yose no ku vyaranze amadiyoseze abo Bepiskopi barongoye, kuva aho baherukanira mu nama yabo isanzwe yo mu kwezi kwa Ruheshi.


4. Umushingwabikorwa wʹimfatakibanza ku Kirimba cʹIntumwa ya Papa mu Burundi ni we yafashe ijambo ubwa mbere. Mu makuru yerekeye Ekleziya ikwiye kw’isi yose, yamenyesheje Abepiskopi ko n’aho mu mezi aheze Papa yarwaye n’ukumubaga bakamubaga, ubu yakize neza, akaba arangura imirimo yiwe ukuri kwamye. Uwo mushingwabikorwa yaragize n’ico avuze ku ngingo Papa ubwiwe aherutse kumenyesha mu rwandiko rubigenewe yise « Traditionis Custodes », zerekeye iherezwa ry’Inkuka y’Imisa, aho ategeka ko muri Ekleziya Gatolika yisunga indinganizo y’ugusenga ikomoka i Roma, iyo Nkuka y’Imisa iherezwa hakurikijwe ibitabu rya Liturjiya vyemejwe na Papa Pawulo VI na Papa Yohani Pawulo II, bisunze Inyigisho z’Inama Nkuru y’Ekleziya ya kabiri yabereye i Vatikano, kiretse iyo Umwepiskopi aragijwe Diyoseze yatanze uruhusha rwo kuyihereza ukundi. Ivyo akaba yabitegetse mu ntumbero yo gukomeza ubumwe n’isangiramutima ry’Ekleziya. Mu gusozera ijambo ryiwe, Umushingwabikorwa wʹimfatakibanza ku Kirimba cʹIntumwa ya Papa mu Burundi yaragaragaje ko yahimbawe n’uko Abungere b’Ekleziya y’i Burundi bashoboye guhabwa umubonano n’Umukuru w’igihugu, bakamushikiriza umunezero n’imyitwarariko bafise ku vyerekeye ubuzima bw’igihugu.


5. Ku vyerekeye ubuzima bw’amadiyoseze barongoye, Abepiskopi barashimye ko amezi atatu y’ici (ukwa 6, ukwa’7 n’ukw’8) bayamaze bagira ingendo mu maparuwase, iz’ukuyagendera bisanzwe, iz’ugutanga Isakramentu ry’Ikonfirmasiyo canke uguhimbaza yubile y’amaparuwase amwe amwe. Barahimbawe kandi n’ukwatira Abasaseredoti bashasha be n’uguhereza Inkuka z’Imisa z’Indagano mu Miryango itandukanye y’Abihebeyimana. Abepiskopi baragaragaje kandi agahimbare batewe n’ukubona ukuntu henshi ibitigiri vy’abakomezwa muri Mutima Mweranda vyari vyinshi, n’uko imisi mikuru y’ici yitabwa n’isinzi ry’abakristu, na cane cane ku musi mukuru w’Iyurizwa mw’ijuru ry’Umuvyeyi wacu Bikira Mariya.


6. Ku vyerekeye ubuzima bw’igihugu, Abepiskopi barashimishwa n’uko muri rusangi umutekano wiyongereye mu mihingo nka yose y’igihugu. Ariko baranegura ko igiturire n’akarenganyo bikiriho ahatari hake. Baravuganye ko batewe umutima uhagaze n’irandagata ry’ikiza ca Covid-19 mu mpande nka zose z’igihugu. Basaba bashimitse abenegihugu bose kwikangura, bagatahura ko ako karanda ata n’umwe katageramiye. Bagaca babahimiriza kwubahiriza ingingo zose z’ukwikingira Leta idasiba kubashikiriza. Abepiskopi barababajwe kandi n’uko ubwicanyi bufatiye ku gutanga ishano bwakwiye mu gihugu cose. Bigatuma abantu benshi basigaye bamana umutima uhagaze ku gutinya kurirya, abandi bakikekana, abandi bakambikana ibara, eka bamwe n’ukwicwa bakicwa ku mwikeko ko boba batanga ishano. Abepiskopi barababazwa cane cane n’uko mu baritanga harimwo n’abakristu. Bagatera akamo abagendera muri ubwo bubisha kuvavanura n’uwo mwuga mubi, kuko ubuzima bw’umuntu ari Imana yonyene ibufiseko ububasha.


7. Bahejeje guhanahana ijambo ku buzima bw’amadiyoseze n’ubw’igihugu, Abepiskopi baciye bihweza integuro y’Amategeko agenga Umuhari wa CHIRO-BURUNDI. Bamaze kuyatosora neza, baca barayemeza.


8. Ica kabiri bihweje n’icerekeye ingene bohinyanyura ingingo zigenga ubutumwa bw’Abamenyeshamana, bisunze ivyo Umuvyeyi wacu Papa aherutse gutegeka mu rwandiko yise « Antiquum ministerium ». Abepiskopi basanze aha muri Ekleziya iri mu Burundi umumenyeshamana yahawe ikibanza n’uruhara bijanye n’ivyo Umuvyeyi Papa yipfuza, kuva ku gihe c’Abamisiyonari ba mbere. Ico basanze bokwongerako, ni ukwuzuriza urwandiko rw’ingingo zigenga ubutumwa bwiwe, bisunze ivyipfuzo vya Papa. Ikindi ni ukuryohora indinganizo y’itorwa ry’abipfuza kuba abamenyeshamana n’iyakirwa ryabo mu mashure abarera, kugira ngo inywanishwe n’indinganizo Leta y’Uburundi yashinze yerekeye imyaka y’Ishure shingiro n’iy’Ishure yisumbuye.


9. Abepiskopi barihweje kandi ibijanye n’Inama y’Umuryango ihuza Abepiskopi bo kw’isi yose, itegekanijwe gutangura mu kwezi kw’icumi kuza ikazosozerwa mu kwezi kw’icumi nyene mu 2023. Iyo nama ikazoba igenewe kwihweza ingene muri Ekleziya horemeshwa, gusumba uko vyari biri, isangiramutima, ukugira uruhara muri yo kuri umwumwe wese be n’isangirabutumwa.


Muri make, ico bakoze cabaye ugufashanya gutegera neza uburyo bushasha Umuvyeyi wacu Papa ashaka ko iyo nama iranguka. Barabonye rero ko Papa yipfuza yuko, n’aho ari iy’Abepiskopi, abakristu bo mu mice yose bayigiramwo uruhara mu kuyitegura no mu kuyihimbaza. Gutyo bikagaragara ko bose bari mu ngendo imwe y’abasangiye Umuryango. Baciye rero bashinga yuko urwandiko rudonda neza urukurikirane rw’intambwe z’itegurwa n’ihimbazwa vyayo, rwohindurwa mu rurimi rw’ikirundi, rukamenyeshwa benumuryango bose mu madiyoseze yose. Barongeye mbere bahana isango yo kuwa 21 w’uku kwezi kwa Nyakanga, ngo baze barabire hamwe ingene urwo rwandiko ruzoba rwahinduwe, rubone gukwiragizwa mu maparuwase no mu mibano y’Abakristu. Ivyo bategerejwe kuvyihutisha kubera ko iyo Nama Umuvyeyi wacu Papa azoyugururira i Vatikano kw’igenekerezo rya cumi Gitugutu uyu mwaka (2021), muri buri Diyoseze yose na ho, Abepiskopi bakazoca bayugurura itariki 17/10/2021.


10. Mu guheraheza, Abepiskopi barihweje ibibazo binyuranye bijanye n’ubuzima n’ubutumwa bw’Ekleziya.

 

Bigiriwe i Bujumbura ku wa 11 Nyakanga 2021. Kubw’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi, ✠ Yohakimu NTAHONDEREYE, Umwepiskopi w’i Muyinga, Umukuru w’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi.