IJAMBO RY’INAMA Y’ABEPISKOPI GATOLIKA B’I BURUNDI RYEREKEYE GUKOMEZA UBUTUMWA BW’INGO N’IMIRYANGO

«Nitwijukire ubutumwa bw’ingo n’imiryango, urugo rukristu rube Ekleziya yo haziko imenyesha Inkuru nziza»

Bavukanyi dusangiye ukwemera, eka namwe mwese Imana ikunda mukayikundira
Twebwe Abungere banyu, tubanje kubaramutsa amahoro yamuka ku Mukama wacu Yezu Kristu.

1. Tuje kubibutsa akamo twabateye mu kwezi kwa gatatu ko uyu mwaka wahariwe ingo n’imiryango wotubera akaryo ko “gukabura muri bose na hose umwitwarariko wo gukora ngo ingo n’imiryango y’abakristu bibe koko Ekleziya yo haziko yijukiye kumenyesha abandi Inkuru Nziza” (Itangazo ry’Inama y’Abepiskopi b’i Burundi ryerekeye umwaka uhariwe ingo n’imiryango yo muri Ekleziya yo w’isi yose). Muri uwo mwitwarariko twisunga akarorero keza ka Yozefu Mweranda yabungabunze Umuryango Mweranda w’i Nazareti, nk’uko Nyen’Ubweranda Papa Fransisko yavyipfuje mu gutanguza uyo mwaka ku musi mukuru w’uyo mweranda. Dufatiye kuri ako karorero, uwo mwitwarariko w’ingo ugatsimbatara muri bose, bizodufasha guhimbaza neza Yubile y’imyaka 125 tuzoba turumije mu mwaka w’2023 kuva Inkuru nziza ishitse mu Burundi

Inyigisho rukristu yerekeye ingo n’imiryango ni Inkuru Nziza vy’ukuri

2. Ingo n’imiryango ntivyashinzwe n’abantu. Ni umugambi w’Imana yo nyene. Ivuga iti: « Si vyiza ko umuntu aguma ari wenyene ngira ndamugirire umufasha bakwiranye […]. Nico gituma umugabo azoheba se na nyina akunga ubumwe n’umugore wiwe bakaba umubiri umwe » (Amamuko 2, 18.24). Yezu, Umwana w’Imana yaje ashimangira ati: «Ico Imana yifatanirije umuntu ntakagitandukanye» (Matayo 19, 6).

3. Urugo rero rutegerezwa gushingwa hakurikije uyu mugambi w’Imana. Ni yo nyigisho duhabwa na Tobiya avuga yuko mu kwabira umwigeme w’Israeli atarondera akaryoheramubiri, mugabo ko ashaka gushinga urugo ruzokwama ruhezagira izina ry’Imana ukw’imyaka izokurikirana (raba Tobito 8, 5-9).

4. Ijambo ry’Imana riratubwira ko ingo n’miryango ari nk’ishure abavyeyi bategererejwe gushikiririzamwo abana babo inyigisho ndoramana (raba Amategeko 6, 20-25 ; Izaburi 78, 3-6). Kubw’iyo mvo rero, umuryango ni ikibanza aho abavyeyi babereye abana babo abigisha ba mbere b’ukwemera. Na Yezu we nyene ubwiwe yarahigishirije Inkuru Nziza nk’igihe yagendera urugo rwa Lazaro, Marita na Mariya (raba Luka 10, 38-41), n’urugo rwa Matayo ( raba Matayo 9, 10). Urugo rw’abubakiye kuri Yezu Kristu kw’ubw’isakramentu bahanye rurafise akaranga kadasanzwe.

Akaranga k’umuryango-ekleziya yo haziko mu nyigisho « Akanyamuneza k’Urukundo »

5. Nk’uko umuvyeyi wacu Papa Fransisko aheruka kubitwigisha, ako karanga k’umuryango ari ko Ekleziya yo haziko gakomoka mu bumwe budatituka bw’Ubutatu Bweranda, Data na Mwana na Mutima Mweranda. Umwe wese afise akaranga kiwe: Data si Mwana kandi si Mutima Mweranda, Mwana si Data kandi si Mutima Mweranda, Mutima Mweranda si Data kandi si Mwana. N’aho batandukanye, ntikibabuza kuba bagize umwe kubera kamere y’ubumana basangiye. N’abubakanye rero mu budasa bwabo buri kwinshi, kubw’urukundo bubakiyeko bagize umwe (raba Matayo19, 3-6 ; Marko 10, 6-9). « Imana Butatu Bweranda ni ubunywanyi bw’urukundo, umuryango na wo ukaba ishusho nzima yabwo » (Akanyamuneza k’urukundo, n.11).

6. Inama nkuru y’Ekleziya ya Vatikano ya II irerekana ingene abubakanye bashinze imizi muri Kristu….baba nk’abihebey’Imana kandi kubw’inema biharije barubaka umubiri wa Kristu bakaba Ekleziya yo haziko…..(raba Akanyamuneza n’Umwizero, nn. 67-52 ; Akanyamuneza k’urukundo, n. 67). Urukundo rw’abubakanye rufasha rero Imana kurema n’ukurera rukongera rugatanga akanovera, rukabera n’izindi ngo akarorero k’ubumwe bukomoka ku Butatu Bweranda. Urwo rukundo rw’abubakanye ruca ruba n’intumwa iremesha ubwo bumwe mu bantu. Mu buryo budasanzwe, umweranda Papa Yohani Paulo wa II aremeza ko abubakanye mu rukundo bafitaniye, baronka ingabirano ya Mutima wa Kristu bakarangura umuhamagaro wabo wo kuba beranda (raba Akanyamuneza k’urukundo, n.69 ; Familiaris consortio, n. 13). Ni muri iyo ntumbero Papa Fransisko yemeza ko urugo ari rwo «shure rya mbere rw’ivyiza, aho abantu bigira gukoresha umwidegemvyo mu nzira igororotse” (Akanyamuneza k’urukundo, n.274). Arongerako mbere y’uko urugo rukristu ruhamagariwe kugira akigoro ko gushikiriza abana ukwemera karufasha kuba umushikiriza w’Inkuru nziza (raba Akanyamuneza k’urukundo, n. 289 ). Urugo rero rufise uruhara ntasubirizwa mu kumenyesha Inkuru nziza. Ni kirumara muri ubwo butumwa nk’uko Yozefu Mweranda yabiduhayeko akarorero mu Muryango Mweranda w’i Nazareti.

Akarorero keza ka Yozefu Mweranda mu rugo-muryango rw’i Nazareti

7. Igenekerezo rya 8 Kigarama 2020, Nyenubweranda Papa Fransisiko yaratangaje umwaka uhariwe Yozefu Mweranda. Tumaze igihe rero dutangarira amateka ya Yozefu Mweranda yabaye umushingantahe agamburukira Imana, akaba umuntu w’ingingo n’intungane ishitse mu Muryango Mweranda w’i Nazareti (raba Luka 2, 22.27.39).

8. Ubwo bugamburutsi bwaragaragariye mu kwakira n’ukurangura ishaka ry’Imana. N’aho Yozefu wewe, yagomba guhebera Mariya mu mpisho, abonekewe n’Umumalayika yahavuye amujana iwe, barabana atigeze amumenya, bararera Umwana Yezu arakura (raba Matayo 1, 24-25).

9. Uwo Mweranda yararanzwe n’umwitwarariko wo kubungabunga no gukingira ubuzima abigirana urukundo rwuzuye igishika, ubutwari n’umwete. Mu kurangura ubwo butumwa, vyabaye ngombwa ko akingira umwana na nyina impanuka z’ubwoko bwinshi nko mu kubahungishiriza mu Misiri, gutungira umuryango mu buhungiro igihe kitari gito (Matayo 2, 13-15), kurondera umwana yazimiye (raba Luka 2, 41-51) … Mu kurinda ivyo vyose mu gacerere ata mwikomo n’imyidogo, Yozefu yaremeje artyo umugambi w’Imana ku ngo zose, ko zitegerezwa kugamburukira Imana, kurerera Imana, zigakingira ubuzima bw’umuntu, kuva bugisamwa (raba Ikete rya Nyenubweranda Papa Fransisiko ritangaza umwaka wahariwe Yozefu Mweranda)

10. Vyongeye Yozefu Mweranda yararanzwe n’ukuba umuntu w’ingingo n’intungane mu kutigera ahemukira Imana, no mukudatwarira hejuru mu bigoranye, mu kudashima kwararaza Mariya yibungenze imbanyi ataramenya iyo yavuye, mu kwitwararika kurondera ibitunga umuryango. Birakwiye rero ko izo ngeso nziza za Yozefu Mweranda abubakanye bazibonamwo akarorero keza, n’inyifato ikwiye kubamurikira mu gutorera inyishu ibibazo vyo mu buzima bwa minsi yose.

Icokorwa ngo dukomeze ingo rukristu

11. Imbere y’uko dutomora ibikorwa tugiye gushira imbere kuva muri uyu mwaka w’ingo n’imiryango, dukundire tubanze tubibutse bimwe bimwe mu vyo twabonye bibangamiye ingo n’imiryango. Hari umwiteguro w’ukubaka rukristu udashemeye, ukudohoka kw’ibanga ry’ukurera, ukutitanaho hagati y’abubakanye, itituka ry’urukundo hagati yabo, uguharika, ugucikira n’ugucikiza, ihindagurika n’itituka ry’imico, akaborerwe n‘ukunywa ibiyayuramutwe, ubuhumbu, ubunebwe n’ukwiyerereza, ubukunzi bw’inda n’ugusesagura itunga ry’umuryango, ukutitaho ikiyago mu rugo, ukwigenza nabi kw’abagabo bamwe bamwe bitwaje igikenye canke ukw’abagore bamwe bamwe bitwaje ivyiyumviro vyo kwiganzura agakandamizo k’abagabo, ukudasonera agateka k’abakenyezi be n’uguhakana Imana kwenyuje guterwa n’umwina w’ivy’isi canke uguhungabanywa n’abambuzi be n’abangushi bafatira abantu mu bihe bigoye, iyo bageramiwe n’ukwihebura (raba Ukwubaka rukristu : indinganizo n’amategeko ngenderwako bigenga ingo n’imiryango mu madiyoseze gatolika yo mu Burundi, nn.16-26) ».

12. Hambavu y’ivyo, twasanze hari n’amakuba abangamiye ingo n’imiryango. Ayo nayo ni nk’ingaruka mbi z’indwano, amacakubiri y’ubwoko bwose, indwara z’ivyaduka, ubukene, ugutwarana uburozi n’ukwemera ibintazi, inyigisho zijuragiza abubakanye zishingiye ku vyiyumviro bihinyitse vy’abashaka kwiganzira isi, bizanana n’igwirirana ry’amadini be n’amashirahamwe amwe amwe yiyambitse agahuzu k’ubugiraneza ariko mu vy’ukuri asambura urwaruka be n’ingo n’imiryango, kandi amaleta amwe amwe agaca abigira amategeko (raba Ukwubaka rukristu : indinganizo n’amategeko ngenderwako bigenga ingo n’imiryango mu madiyoseze gatolika yo mu Burundi, nn 27-33). None twokora iki ngo turamire ingo n’imiryango kugirango bigendere ubuntu n’ubukristu?

1.) Kwigisha no kunogereza rya kete-nyigisho Akanyamuneza k’urukundo. Dusavye abasaseredoti bose n’ababunganira mu butumwa kwigisha umurava no kunoganza inyigisho Akanyamuneza k’Urukundo ngo ishikire bose.

2.) Gushira mu ngiro ibiri mu gatabu Ukwubaka rukristu : indinganizo n’amategeko ngenderwako bigenga ingo n’imiryango mu madiyoseze gatolika yo mu Burundi. Kuva ubu, twebwe abungere banyu tugiye guhagurukira igikorwa co kubashikiriza ingingo nyobozi ziri muri ako gatabo.

3.) Kwigisha urwaruka kuva rukiri ruto gushika rushike mu bigero mu muhamagaro n’ibanga bimirije ryo kwubaka izabo kugira ntihagire abasubira kwisuka mu vyo batazi canke batiteguriye neza (raba Akanyamuneza k’urukundo, nn. 259-290).

4.) Guherekeza ingo ziri mu ngorane zitandukanye. Dusavye ababifisemwo ijambo bose kwitwararika gufata mu mugongo, gutahura, kwakira no guherekeza abubatse bafise amagara make (Akanyamuneza k’urukundo, nn. 291-312) canke bari mu ngorane zitandukanye zibabuza kuzigama neza iryo banga

5.) Guhimiriza gukoresha uburyo kama bwo kurondoka neza. Turasubiriye gutera akamo ingo zose zikirondoka gukomeza kwakira inyigisho n’imyimenyerezo ngororangendo zubahiriza umugambi w’Imana ku muntu mu kurondoka. Ni mwijukire ukuruta uburyo kama bwo kurondoka ku rugero.

6.) Gushinga no gukomeza amasentare y’Ekleziya mu biraba abubakanye. Mu ntumbero yo kwunga imitima yavunitse no kugarukira isakramentu ryo kwubaka rukristu, dusavye ko amasentare y’Ekleziya mu madiyoseze yacu yokora ukwo ashoboye ngo imanza z’abukanye zinyaruke guhera kandi amatohoza azerekeye akorwe ku buryo bitaremera ababituye.

UGUSOZERA

13. Kubera dusanzwe turi mu gikorwa co kwegeranya ivyiyumviro bizoterera ya Nama Nsangizangendo y’Abepiskopi, ibindi bikorwa ni bitunganywe mu ma Diyoseze, bamwe bose bagire ico biyemeje kizobabera urwibutso rw’ihimbazwa ry’uyu mwaka wahariwe ingo n’imiryango. Hazoba hasigaye ko twifatanya n’Ekleziya yose mw’ihwaniro ry’ingo n’imiryango rizobera i Roma kuva igenekerezo rya 22 gushika 26 Ruheshi 2022, akaba ari naryo nyene rizosozera uyu mwaka w’ingo n’imiryango. Ibizova mur‘iryo hwaniro, nta nkeka ko bizodufasha gukomeza urugo-muryango, kugira ngo rutubere ishimikiro mu gikorwa co kumenyesha Inkuru Nziza be n’ico kuringaniza ihimbazwa rya Yubile y’imyaka 125 kuva Inkuru nziza itanguye kumenyeshwa mu Burundi.

14. Turangije tubaragiza Umuryango Mweranda w’i Nazareti twongera tubipfuriza kwitegurira neza Ivuka ry’Umwana w’Imana ari we Mwami w’amahoro.

Bigiriwe i Bujumbura igenekerezo rya 10 Munyonyo 2021.

 

Menya neza: Iri jambo nirisomwe mu Misa no mu Bihimbazo vyo ku musi w’Imana wa mbere w‘Ubushikiro, mu kibanza c’inyigisho, kw’igenekerezo rya 28 Munyonyo 2021.