IJAMBO PAPA FRANSISKO ASHIKIRIJE ABAKRISTU BO KW’ISI YOSE, KU MUSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE UBUTUMWA BWO GUKWIZA HOSE INKURU NZIZA YA YEZU KRISTU

18 GITUGUTU 2020

«Ndi hano, nuntume»! (Izaya 6, 8)

Bavukanyi nkunda,

Nipfuza gushimira Imana, k’umwitwarariko waranze Ekleziya yose mu guhimbaza ukwezi kudasanzwe kwo kumenyesha hose Inkuru Nziza, ukwezi kwa Gitugutu kw’umwaka uheze wa 2019. Ndemera ntakekereza k’ukwo kwezi kwafashije gukabura umutima wo kumenyesha Inkuru Nziza, mu miryango myinshi, biciye ku civugo cavuga kiti : «Uwabatijwe wese ni umutumwa: Ekleziya ya Yezu Kristu, irangura ubutumwa kw’isi yose».

Muri uyu mwaka, waranzwe n’imibabaro hamwe n’imyitwarariko vyatewe n’ikiza- karanda korona virusi-19 cateye isi, urugendo rw’Ekleziya yose rwo kumenyesha Inkuru Nziza rurashishikara rwisunze umuco w’Ijambo ry’Imana dusanga mw’ihamagarwa ry’Umuhanuzi Izaya ngo: «Ndi hano, nuntume»! (Izaya 6, 8). Iyo ni  inyishu iguma igaruka n’uno musi ku kibazo c’Umukama ngo: « Ntume nde »? Uwo muhamagaro uva mu mutima w’Imana, mu kigongwe cayo gikebura Ekleziya n’isi yose, muri aya magume ahanze isi ya none. «Nka kumwe kw’abigishwa mu Nkuru Nziza, twaratewe n’igihuhusi tutari twiteze kandi gikaze cane. Turiko turategera rero ko turi mu bwato bumwe, ko twese turi ba ntamagara, kandi ko tutabona iyo tuva n’iyo  tuja; ariko kandi ko umwe wese akenewe ngo dusoze ubwato turi kumwe kuko twese dukeneye kuremeshanya. Twese, dusanzwe turi muri ubwo bwato. Nka kumwe abo bigishwa bahuriye kw’ijambo rimwe kandi batekewe n’ubwoba mu gukomera induru hamwe bati: “Turatikiye”, na twebwe, turiko turatahura ko tudashobora gutera imbere umwe umwe ukwiwe tudashize hamwe»[1]. Ni ivy’ukuri turafise ubwoba kandi ntitubona iyo tuva n’iyo tuja. Umubabaro n’urupfu bituma twumva ko turi abantu b’amagara make. Ariko kandi turaheza tugategera ko twese twipfuza kubaho no gukira inabi yose. Muri iyo ntumbero rero, umuhamagaro w’ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza, ubutumire bwo kwivako ku bw’urukundo rw’Imana n’urw’abagenzi bacu, vyibonekeza nk’akaryo keza ko gusabikanya, ko gufashanya no gusabiranira. Ubutumwa Imana iha umuntu wese, butuma arengera ubwoba no kwiyugarana, agaheza akaba mushasha mu kwihebera abandi.

Mu nkuka yo k’umusaraba, aho ubutumwa bwa Yezu burangukira (Raba Yohani 19,28-30), Imana iramenyesha ko ikunda zina muntu wese n’abantu bose (Raba Yohani 19,26-27). Kandi ikadusaba ko twokwama twiteguriye kurungikwa mu butumwa, kuko Imana ni Rukundo rwama na ntaryo mu butumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza, urukundo rwivako igihe cose kugira ngo rutange ubuzima. Ku bw’urukundo yakunze abantu, Mana Data yararungitse Umwana wiwe Yezu (Raba Yohani 3,16). Yezu niwe mu Misiyonari yarungitswe na Data: ubuzima bwiwe n’igikorwa ciwe co kuducungura birangura ishaka rya Data (Raba Yohani 4,34 ; 6,38 ; 8,12-30 ; Abahebereyi 10,5-10). Mu gupfa ku musaraba no mu kuzuka ku bwacu naho, Yezu aradukwegakwegera mu rukundo rwiwe akoresheje Mutima wiwe, ari nawe abeshaho Ekleziya, akatugira abigishwa ba Kristu, akongera akaturungika mu butumwa kw’isi yose no mu bihugu vyose.

« Ubutumwa, “Ekleziya isohoka”, si umugambi twigira ngo turangure, si iciyumviro dushira mu ngiro kubera ugushaka kwacu, ni Yezu atuma Ekleziya yivako igasohoka. Mu butumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza, murava hasi kuko Mutima Mweranda ari we abasunika akabashigikira»[2]. Imana niyo idukunda ubwa mbere, kubera urwo rukundo, Iratwiyegereza Ikaduhamagara. Ico umuhamagaro wacu ushingiyeko ni uko turi abana b’Imana muri Ekleziya, umuryango wayo, tukaba abavukana muri urwo rukundo Yezu yatweretse. Ariko rero, abantu bose barafise iteka rishingiye ku muhamagaro w’Imana, wo kuba abana bayo, gutyo bakaba, ku bw’ibatisimu no mu mwidegemvyo w’ukwemera, ico bamye bari mu mutima w’Imana kuva kera na rindi.

Muri uyo muhamagaro twamaze kugabana ataco dutanze, ubuzima buca buba ubutumire budasanzwe bwo kwinjira mu bwira bwo kwitanga: akabuto, ku babatijwe, kazokura kakagera mu bigero nk’inyishu y’urukundo mu kwubaka rukristu no mu kuzigama ubwerentegerwa ku bw’ubwami bw’Imana. Ubuzima bw’umuntu bukomoka ku rukundo rw’Imana, bugakurira muri urwo rukundo kandi bukerekeza muri rwo nyene. Nta numwe akumiriwe ku rukundo rw’Imana; mu nkuka Umwana wayo Yezu yitanzeko ku musaraba, Imana yatsindiye igicumuro n’urupfu (Raba Abanyaroma 8,31-39). Ku Mana, inabi – n’igicumuro nyene – ica iba inkebuzo y’ugukunda no kurushirizaho gukunda imisi yose (Raba Matayo 5,38-48; Luka 23,33-34). Ku bw’ivyo, mu kinyegezwa ca Pasika, ikigongwe c’Imana kirakiza igikomere catewe n’igicumuro c’inyanduruko cakozwe n’umuntu wa mbere, ico kigongwe kigaheza kigasaga isi yose. Ekleziya, nk’ikimenyetso c’urukundo rw’Imana rusasagaye kw’isi yose, irashishikara mu buzima bwayo ubutumwa bwa Yezu ikongera ikaturungika hose, kugira ngo mu gushingira intahe ukwemera kwacu no mu kumenyesha Inkuru Nziza, Imana igaragaze kandi urukundo rwayo, ishobore gushikira no guhindura imitima, imibiri, imirwi y’abantu n’imico vy’ahantu hose no mu bihe vyose.

Ubutumwa ni inyishu, itanganywe umwidengemvyo kandi ivuye ku mutima, ku muhamagaro w’Imana. Ariko rero, uwo muhamagaro tuwubona mu gihe tubayeho mu bunywanyi ntangere bw’urukundo kumwe na Yezu muzima muri Ekleziya yiwe. Twibaze: twoba twiteguriye kwakira Mutima Mweranda mu buzima bwacu; kwumviriza ijwi riduhamagarira kumenyesha Inkuru Nziza, haba mu buzima bw’ukwubaka rukristu, bwo kwihebera Imana canke mw’ibanga ry’ubusaserdoti, eka mbere no mu buzima bwa misi yose? Turiteguriye kurungikwa aho ariho hose, gushingira intahe ukwemera kwacu ko Mana Data ari Munyakigongwe, kugira ngo tumenyeshe Inkuru Nziza y’urukiza ya Yezu Kristu, kugira ngo kandi dusangire ubuzima bw’Imana muri Mutima Mweranda ngo twubake Ekleziya ?  Nka Bikira Mariya, nyina wa Yezu, turiteguriye kwitangira ishaka ry’Imana tutitangiriye itama (Raba Luka 1,38) ? Uko kwamana umutima ugabiye kwakira umuhamagaro w’Imana kurahambaye cane kugira wishure Imana uti: “Ndi hano Mukama, nuntume”! (Raba Izaya 6, 8). Kandi ivyo ntibibe mu majambo gusa, ariko bishingire  mu buzima bw’Ekleziya ya none no muri  kahise kayo.

Gutahura ico Imana iriko iratubwira muri iki gihe c’ikiza c’akaranda, biba na vyo nyene umwitwarariko mu butumwa bw’Ekleziya. Indwara, umubabaro, ubwoba, ukwiyugarana, biraturaza ishinga. Ubukene bw’umuntu apfa yugaraniwe ahawenyene, bw’umuntu yahebwe, yatakaje akazi n’umushahara, atagira aho aba n’ico afungura, bidutuma kwibaza. Naho dutegerezwa kuguma twiyugaraniye i muhira, duhamagarirwa gutegera ko tuguma dukeneye imigenderanire hagati yacu, no hagati yacu n’Imana. Aho gukomeza kwinubana n’ukuba nk’abo umengo ntaco babona, ibihe turimwo vyobwirijwe kutwigisha gukomeza imigenderanire yacu n’abandi. Igisabisho, ari naco Imana ikabuza umutima wacu, gituma twugurukira benewacu banyotewe urukundo, agateka n’umwidegemvyo; gituma kandi twitwararika ikiremwa cose. Ukudashobora guhurira hamwe nka Ekleziya kugira ngo duhimbaze amabanga y’Ukaristiya vyaduhaye akaryo ko gusangira ingorane n’imiryango myinshi y’abakristu bidakundira ko bahimbaza Inkuka y’Imisa buri musi w’Imana. Muri ivyo bihe rero, ikibazo Imana ibaza iti : «Ninde nzorungika?», gishikirijwe twebwe kandi irindiriye ko tuyiherezanya akanyamuneza inyishu nziza kandi ivuye ku mutima duti: « Ndi hano, nuntume!» (Izaya 6, 8). Imana ibandanya irondera abo ituma mu bantu b’imihingo yose yo kw’isi gushingira intahe urukundo rwayo, urukiza rwayo no kutubohora imigozi ya sekibi. (Raba Matayo 9,35-38 ; Luka 10,1-12)

Guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ukumenyesha Inkuru Nziza, bisigura kandi gusubira kwemeza ingene igisabisho, ukuzirikana Ijambo ry’Imana n’ukwegeranya intererano ari akaryo gatuma haba ukwitanga mu butumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu muri Ekleziya yiwe. Urukundo, rugaragarira mu mashikanwa yavuye mw’ihimbazwa ry’umusi w’Imana ugira gatatu wo mu kwezi kwa Gitugutu, rufise intumbero yo gushigikira igikorwa c’abamenyesha Inkuru Nziza kiranguka kw’izina ryanje biciye mu bikorwa vya Papa vyo gukwiza hose Inkuru Nziza, kugira ngo haboneke ivyofasha ku mutima no ku mubiri amakungu n’ama Ekleziya yo kw’isi yose ngo abantu bose bakire.

Ese Bikira Mariya Mweranda rwose, Nyenyeri iboneshereza abamenyesha Inkuru Nziza akaba n’umuhoza w’abarushe, umwigishwa-mutumwa w’Umwana wiwe Yezu, yobandanya adusabira kandi adushigikira.

 

Bigiriwe i Roma ku cicaro citiriwe Yohani Mweranda i Laterano,                                           

igenekerezo rya 31 Rusama 2020   Ku musi mukuru wa Pentekoti.

 

Papa Fransisko

 

 

 

 

[1]Ijambo ryazirikaniwe mu kibanza citiriwe Petero Mweranda ku wa 27 Ntwarante 2020

[2]Tutari kumwe na Yezu ntaco twokwishoboza, Raba  igitabu ca  Lev-Bayard co mu mwaka  w’2020 ku rupapuro rwa 23