UMUSI MUKURU WA PENTEKOTI WARAHIMBAJWE NEZA MURI PARUWASE KIGWENA

UMUSI MUKURU WA PENTEKOTI WARAHIMBAJWE NEZA MURI PARUWASE KIGWENA

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 28/05/2023, umunsi mukuru cane wa Pentekoti warahimbajwe neza muri Paruwase KIGWENA. Inkuka ya misa yaherejwe na patiri mukuru Balthazar NDAYISHIMIYE, ari kumwe na patiri Emmanuweli RUGERINYANGE.

Muri iyo nkuka ya misa haratazwe amasakramentu abiri : iry’ibatisimu ku bana bato 13; n’iryo gukomezwa muri Mutima Mweranda ku bakristu 120. Mu nsinguro yiwe, patiri mukuru yashimikiye ku bisomwa vy’uyo musi aho yatekereye impanuro kubagira baronke isakramuntu ryo gukomezwa muri Mutima Mweranda. Yagize ati: “Ubu namwe mugiye kuba abatumwa koko maze muvuge mudatinya, mushingira intahe Yezu Kristu”.

Twobamenyesha ko iyo nkuka ya misa yasozerewe n’ugutanga uburyo bwo gufasha imihari n’migwi (CDAL), aho habonetse amafranga  721.350.

Alexis Hamenyimana (umumenshamakuru wa Paruwase)