KWINAGURA MURI MUTIMA MWERANDA MURI PARUWASE KIGWENA

KWINAGURA MURI MUTIMA MWERANDA MURI PARUWASE KIGWENA

Ku musi wa gatandatu, igenekerezo rya rya  20/5/2023 muri Paruwase ya KIGWENA, haraherejwe Inkuka ya misa yo kunagurwa muri Mutima Mweranda. Yaherejwe na Petero NIYONKURU, Patiri mukuru wa Paruwase MAKAMBA. akaba ariwe mwibutsamana w’abanaguwe muri Mutima Mweranda muri Diyoseze ya BURURI.

Mu nyigisho yiwe, uwo mwibutsamana yaramenyeshe ko abo banaguwe bategerezwa kwamana na Mutima Mweranda igihe cose, maze abatumirira gushishikara gusenga cane. Yabwiye abakristu bari aho nabo ati : “Ndabatumiriye namwe gukunda umuvyeyi Bikira Maria, guhurumbira amasakramentu, niho mushobora kwamana na Mutima Mweranda”.

Tubamenyeshe ko muri iyo Nkuka ya misa hari n’abandi bapatiri babiri: Patiri Emmanueli RUGERINYANGE na Patiri Adélard FURANZIMA. Muri iyo Nkuka hakaba hanaguwe muri Mutima Mweranda abakristu 156.

Alexis HAMENYIMANA (umumenshamakuru wa Paruwase)