IHWANIRO RY’INGO N’IMIRYANGO MURI PARUWASE YA CANGWE

IHWANIRO RY’INGO N’IMIRYANGO MURI PARUWASE YA CANGWE

Kw'igenekerezo rya 27/6/2023, muri Paruwase ya CANGWE, habereye ihwaniro ry'ingo n'imiryango mu ntumbero yo kurabira hamwe ivyamwa vyiza inyigisho abakristu baronse mu kwitegurira Noheli 2022 n'izo kwitegurira Pasika 2023. Iryo hwaniro ryari rirongowe na patiri mukuru w’iyo Paruwase Venansi NZISABIRA.

Intumbero nyamukuru yari iyo kurabira hamwe ivyamwa bimaze kuboneka kugira bazirikane aho ingo z'abakristu zigejeje mukuba Ekleziya yo haziko imenyesha inkuru nziza hose. Patiri mukuru yaribukije ivyo ingo z'abubatse rukristu zihamagariwe gukora kugira zibe Ekleziya yo haziko n'ivyo zokora ngo zimenyeshe Inkuru Nziza hose nkuko biri mu nyigisho y'Umwungere wa Diyoseze Bururi yo mu bushikiro 2022 n'iyo mu karema 2023.

Kubwa patiri mukuru, ingo rukristu zitegerezwa gushimikira mu gisabisho, guhanuza Yezu imbere y'uko zifata ingingo hamwe no ku musenga bimwe bikomeye; urugo rukristu rurangwa no gufashanya mu bikorwa hamwe no mu ndero y'abana, rukanahamagarirwa gushira hamwe inguvu mu kumenyesha ukuri ku matati y'abantu; ingo rukristu zitegerezwa gusaba impanuro abasaseredoti canke abo zibona boshobora kubafasha guhanura, gushigikirana mu miryango, kugerageza kugira ukuri kuje ahabona; zibwirizwa kuvavanura n'ibintazi; zirunganira umuryango w'Ekleziya mu kuwuronsa ibiwutunga no kuwusabira; zifise ubutumwa bwo gushira ahabona ibimenyetso vyeranda biranga abakristu kandi bakabikoresha mu gusenga; zibwirizwa gutunga igitabu c'Ijambo ry'Imana n'ibindi  birimwo amajambo meranda, no kubisoma n’ukubizirikana kenshi.

Mugukomeza ikiganiro hagati ya patiri mukuru wa paruwase  n'abakristu haratanzwe akanya kugira bagaragaze bongere bashire ahabona ibibera mu mibano y'abo aho bavuze ko inyigisho hari benshi zashitse ku nyota kandi zimaze guhindura ibitari bike mu miryango: “Induru zaragabanutse mu miryango; gucikira no gucikiza vyaragabanutse ku rugero ruboneka; abakristu bahurumbira inkuka y'Imisa no hagati mu ndwi barongerekanye; abo mu madini atandukanye baguma basaba kwinjira muri Ekleziya Katolika kubera akarorero keza babona; insaku zijanye no kwagirizanya uburozi zaragabanutse; sentare zo ku mugina zakira imanza nke z'abakatolika kuko nyinshi barahanurana mu mibano rukristu”.

Twobamenyesha ko mu kurangiza ico kiganiro abakristu bose baraho barashimiye Patiri mukuru kuri ako  kanya yafashe ko gukoranya abakristu bubatse rukristu. Inyuma yaho haraherejwe Inkuka y'Imisa yo gukenguruka ivyiza Imana igirira ingo n'imiryango no gusabira amahoro imiryango. Imbere yo gutanga umuhezagiro, Patiri mukuru yaramenyesheje icese y'uko hariho ihwaniro kaminuza ry'ingo n'imiryango rizoba mu mpera z'ukwezi kw'indwi kugira bahabwe inyigisho zavuye mw'ihwaniro riherutse kubera i Bujumbura ku rwego rw'igihugu.

Félix NIYUKURI (umumenyeshamakuru wa Paruwase Cangwe)