IJAMBO RISHIKIRIJWE NA NYEN’UBWERANDA PAPA FRANSISKO KU MUSI MPUZAMAKUNGU UGIRA UWA 56 WAHARIWE AMAHORO

Ku wa mbere Nzero 2023

 

Ntawushobora kwikiza ari wenyene.

Gusubira gufatanya urugendo inyuma y’ikiza ca Covid-19 ngo dukomeze inzira z’amahoro.

 

« Na vyo ivy’ibihe n’imisi ga benewacu, ntimukeneye kuvyandikirwa. Namwe nyene murazi neza ko Umusi w’Umukama uzoza nk’igisuma mw’ijoro » (1 Abanyatesalonika 5, 1-2).

1. Ayo ni yo majambo umutumwa Paulo yanditse atumirira umuryango w’abakristu w’i Tesalonika kurema mu kurindira guhura n’umukama, amaguru ahagaze neza n’umutima ubona iyi si, maze bagashobora kuraba neza ivy’iyi si ukuntu bigenda bikurikirana. Ninaco gituma naho ibishika mu buzima bwacu bishobora gutera agahinda, tukamera nk’abugaraniwe mu kirombwe c’umwijima kandi gica intege kubera akarenganyo n’ububabare, duhamagariwe kugumya umutima wugurukiye ukwizera, tukizera Imana itwereka ko itatuvirira, ikaduherekezanya urukundo, ikaturemesha mu buruhe tubamwo, kandi na cane cane ikatuyobora mu nzira turimwo. Ninaco gituma Paulo aguma ahimiriza umuryango w’abakristu ngo ugume uri maso, urondera ineza, ubutungane n’ukuri : « None rero, ntidusinzire nka ba bandi, ariko nitwame tugavye kandi twigerere » (1 Abanyatesalonika 5,6). Ayo majambo ni ayo kudutumirira kwama turi maso, ntitwiyugaranire mu bwoba, mu bubabare canke ngo ducike inkokora, duhave twemera ibintu uko bije, ntidutwarwe n’ugusamara, ntitwihebure, ariko ahubwo tube nk’abararirizi bashobora kwama bari maso bakaba aba mbere mu kubona umutwenzi ukitse, na cane cane iyo ijuru ryirabuye.

2. Ikiza ca Covid-19 caradushoye mu mwijima, kirahungabanya ubuzima bwacu bwa misi yose, kirafutanya imigambi n’izindi ndinganizo z’ubuzima twari dufise, kiratera uruhagarara mu mibano, mbere no mu bari bifise, gituma abantu bajuragirika, kirahitana abatari bake mu bavukanyi bacu.

Duhitanywe n’ico gihuhusi c’ivyaduka tutari twiteze, tukisanga mu gihe kigoye gutahura no ku bahinga, abashinzwe ivy’amagara y’abantu barakoze uko bashoboye kwose ngo bagabanye ububabare bw’isinzi ry’abantu maze babaremeshereze ubuzima, co kimwe n’abarongozi mu vya politike bategerejwe gushinga ingingo zihambaye z’ukuntu ibintu vyotunganywa, maze bagahangana n’ivyihuta.

Uretse ivyaboneka bica bigaragara ku mubiri, ikiza ca Covid-19 cavyariye kazoza ukutoroherwa kwadindije imitima y’isinzi ry’abantu n’imiryango, na vyo bikagira ingaruka nyinshi zinafatiye ku bihe birebire abantu baguma bugaraniwe aho badacaruka, n’izindi ngingo zakuraho ukwishira n’ukwizana.

Ntitwokwibagira kandi kuvuga ukuntu ico kiza cafatiye ahagoye mu vyerekeye indinganizo y’ivy’imibano n’ubutunzi, maze bigaca bigaragaza itunganywa ribi ry’ibintu kw’isi hamwe n’ukutangana kw’abantu. Ikiza cateye ihungabana ry’ibijanye n’ivy’akazi ku bantu benshi, maze vyongereza rwose ivy’ubunyakamwe, na cane cane kuri ba magara make n’aboro. Twofatira akarorero ku miliyoni nyinshi z’abakozi batagira amasezerano yanditse y’akazi bari mu bice vyinshi vy’isi. Baciye babura ivyo bokora kandi batagira n’ikindi cobasahiriza muri ico gihe abantu bari bugaraniye aho baba.

Abantu hamwe n’imirwi y’abantu biragora ko batera imbere mu bihe nk’ivyo bituma bumva umengo baratsinzwe, bakagendana amaganya mu mitima yabo. Ivyo bica bigabanura ingoga abantu boshize mu guharanira amahoro, bikavyara indyane mu mibano, ukwiraburanirwa n’ukugwa mu ndyane z’ubwoko butandukanye. Kubera ivyo, ico kiza carahinduye vyinshi no mu bihugu vyari bisanzwe bitekanye, kigaragaza gurtyo ibihengeri vyinshi vyariho bitaboneka.

3. Imyaka itatu iraheze. Harageze rero igihe co kuzirikana twibaza, tukahakure icigwa, tuhakure ibidukuza, twemere guhinduka, yaba umuntu ku giti ciwe canke imigwi y’abantu. Ni umwanya mwiza wo kwitegurira « umusi w’Umukama ». Ndamaze kuronka akaryo kenshi ko gushimangira ko umuntu adashobora kuguma uko yari ari iyo aciye mu bihe bigoye. Umuntu ashobora kubivamwo yabaye mwiza gusumba, canke akabivamwo yabaye mubi rwose. Uno musi duhamagariwe kwibaza tuti : iki gihe c’ikiza catwigishije iki ? Inzira nshasha twofata kugira ngo ntituzingamire mu mizana y’akamenyero, twitegure gusumba uko twahora, twubake bishasha ni izihe ? Ibimenyetso bitanga ubuzima bikaduha umwizero twoshobora kwubakirako dutera imbere kandi twubaka isi nziza gusumba ni ibihe ?

Tumaze kudoma urutoke ku magara make aranga buri muntu n’ubuzima bwiwe, turashobora kwemeza ko inyigisho nkuru twakuye muri iki kiza ca Covid-19 ari ugutahura mu mutima wacu ko twese turi ba magiriranire tukaba dukeneraniye, ko itunga nyamukuru naho ryononekara n’ingoga ari umuvukano runtu ushingiye ku kuntu twese twamuka ku Mana imwe, kandi ko atawoshobora kwikiza wenyene. Ni ngombwa rero ko turonderera hamwe kandi tugateza imbere ibijanye n’akarangamutima k’ibiremwa muntu aho biri hose kw’isi, ari na vyo bidufasha guca inzira idutumbereza kuri uwo muvukano w’abantu. Ikindi cigwa twakuyemwo ni uko kwizera iterambere ugaherezako, ukizera ubuhinga n’ibiranga uru rufatangane rushasha rw’ibihugu kwahavuye kurenga urugero, maze guhinduka uburozi butsimbataza kuba nyamwigendako n’ukwizera ibigirwamana, bituma habura igihagararira ubutungane, ugushira hamwe be n’amahoro. Muri ino si yacu isigaye inyarutsa ibintu, ingorane zikwiye hose z’ubusumbasumbane, z’akarenganyo, z’ubworo hamwe n’ugukumirwa ziratuma kenshi haba uruhagarara n’amatati, maze hakaviramwo ihohoterwa hamwe n’indwano.

Naho ku ruhande rumwe ico kiza cagaragaje ayo mabi tuvuze, ku rundi ruhande twaranahamenyeye n’ivyiza : hari ukugaruka ku gatima k’ukwicisha bugufi ; ukugabanya umwina w’ivyo turya n’ivyo dukoresha ; umutima mushasha wo gufashanya udukura mu kamenyero ko kuba satuntu twanje ukatwereka ububabare n’ubukene bw’abandi ; umutima wo kwitanga mbere rimwe rimwe urimwo n’ubutwari abantu batari bake berekanye mu kwitanga batiziganya kugira ngo twese dushobore kwogorora muri arya magume yasaba gukwakwanya.

Ivyo twabayemwo vyatuviriyemwo kubona neza ko kuri umwe wese, co kimwe n’imiryango y’abantu canke ibihugu, twese duhamagariwe kwubakira kw’ijambo « Twese hamwe ». Kukaba nkako, turi hamwe twese mu muvukano no mu gufashanya, niho turemesha amahoro, tugashigikira ubutungane, tugashobora gurtyo kurengera ibihe vy’umubabaro. Inyishu nyazo twahaye ibibazo vyatewe n’ico kiza ni zo zatumye imirwi y’abantu, inzego z’ibihugu hamwe n’abigenga, co kimwe n’amashirahamwe mpuzamakungu twunga inani zo guhangana n’ingaruka zaco, bigashoboka tubanje kurengera inyungu z’umwe umwe. Amahoro avyawe n’urukundo rwa kivandimwe kandi rutigungirako niyo yonyene ashobora kudufasha kurengera ukuzazanirwa kwa buri muntu, ukw’imibano, ukw’ibihugu n’ukw’iyi si yacu.

4. Mu gihe twariko turishimira ko ibihe bibi vy’ico kiza ca Covid-19 turiko turabirengera, hari irindi bara ryaciye rigwa ku bantu. Twaciye tubona ikindi kiza caduka : iyindi ntambara nayo nyene yogereranywa na Covid-19, mugabo yoyo ivuye mw’ihitamwo ribi ry’abantu. Indwano yo mu gihugu ca Ukrayina iratikiza inganda ikongereza ukuzazanirwa, kandi atari ku bariko barota umuriro wayo bonyene, ariko ku bantu bo kw’isi yose kuko ingaruka zirandagata kandi zidatora, harimwo n’abo bose, naho boba baba ku bihumbi vy’ibilometero bakorwako n’ingaruka z’iyo ntambara. Umuntu yofatira no ku karorero nk’ingorane zaciye zaduka mu kubura intete z’ingano canke mw’iduzwa ry’igiciro c’ibitoro.

Ni ko ntiturava vy’ukuri mu kiza ca Covid-19 uko twavyipfuza canke twari tuvyiteze. Ariko iyi ndwano, co kimwe n’izindi ntambara tubona kw’isi biragaragaza itsindwa ry’ubuntu kw’isi yose, atari ku mice y’isi yegwa n’izo ntambara yonyene. Niko hariho inkingo zahinguwe zo gukinga Covid-19, ariko nta nyishu zifashe ziratorerwa ikibazo c’indwano. Biragaragara ko umugera w’indwano ugoye gutsinda gusumba imigera imunga umubiri w’umuntu, kuko uwo mugera w’indwano wo ntuzanana hanze y’umuntu, uva mu muntu we nyene, mu mutima wiwe wafutanijwe n’igicumuro (raba Inkuru Nziza ya Mariko 7, 17-23).

5. None dusabwe gukora iki ? Ubwa mbere na mbere, ni twemere duhindure umutima wacu kubera ko inyishu z’ibibazo duciyemwo zihuta. Ni ukuvuga ko tworeka Imana, muri iki gihe tubayemwo, ikadufasha gusobanura ivyo twoshingirako mu gutahura isi n’ivyayo. Ntitwoshobora kuguma turondera gukingira utwibare tw’inyungu zacu, canke utw’ibihugu vyacu, ahubwo dutegerezwa kwiyumvira twihaye ihangiro ry’itunga rusangi, tukumva ko tugize umuryango umwe wugurukiye twese mu muvukano w’abantu bose. Ntidushobora kubandanya twikingira twebwe twenyene. Harageze y’uko twese twitangira igikorwa co gukiza ihanga ry’abantu hamwe n’isi tubayeko, ivyo tukabishikako mu kwubakira ku mushinge w’isi irangwa n’ubutungane ikaremesha amahoro, ikaba irajwe ishinga n’ukurondera itunga ryoba rusangi vy’ukuri.

Kugira ngo tubishikire twongere tubeho neza tumaze kwogorora muri ico kiza ca Covid-19, hariho ikintu gihambaye tutokwibagira : hari vyinshi vyagiye birasenyuka kandi vy’urufatangane mu bijanye n’ivyiza vy’akarangamutima, ibijanye n’imibano, politike n’ubutunzi. Ivyo twibaza ngo ni ingorane za muntu dusanga ahubwo ari zo zivyara izindi ngorane canke zikaduka zivyawe n’izindi. Duhamagariwe guhangana n’izo ngorane z’isi dushizemwo ubutwari n’umutima w’ikigongwe. Dutegerezwa gusubira kuraba ko ukubungabunga amagara bishikira bose ; tugakora ibishoboka vyose ngo turemeshe amahoro, gurtyo amatati n’intambara bibandanya kwiha inkumbi n’ukwongereza ubworo bihere. Nitwiteho kuja inama n’ingingo mu vyo kubungabunga inzu ya twese dushinga ingingo n’imigambi idufasha guhangana n’ihindagurika ry’ibihe ; turwanye umugera w’ubusumbasumbane mu bantu, ahubwo dutunganye ukuntu umuntu wese aronka ivyo afungura akagira n’akazi kamuhesha iteka ku buryo dushigikira barya bataronka n’agahembo kobatunga bo n’ababo, maze bakama mu mananiza yo kubaho.

Ibara ry’imice y’abantu bishwe n’inzara riratubabaje ku mutima. Twifashishije indinganizo za politike zibereye, dutegerezwa kurondera ingene twakira kandi tukaremesha ubuzima, na cane cane ubw’abimukira n’abo bose babayeho nk’ibicibwa mu mice tubayemwo. Mu kwitanga mu bihe nk’ivyo, tubitumwe n’umutima wo kubabara abandi umurikiwe n’urukundo ntangere kandi rw’ikigongwe rw’Imana ni ho duzoshobora kwubaka isi nshasha, gurtyo tube turiko turaterera mw’iyubakwa ry’Ubwami bw’Imana, nabwo bukaba ari ubwami bw’urukundo, bw’ubutungane n’amahoro.

Mu kubashikiriza ibi vyiyumviro, ndipfuza ko muri uwu mwaka mushasha twoshobora gufatanya urugendo tuzirikana ico ivyo duhejeje gucamwo vyatwigishije. Ndipfurije ivyiza Abakuru b’ibihugu n’ab’amaleta, abatware b’inzego mpuzamakungu, n’abarongozi b’amadini n’amashengero atandukanye. Abantu bose b’umutima mwiza, ndabipfurije kwubaka umwaka mwiza buri musi nk’abaharanira amahoro! Mariya yasamwe ata gicumuro ari we nyina wa Yezu akaba n’umwamikazi w’amahoro n’atubere mu ngoro twebwe n’isi yose.

 

Iri Jambo ritangiwe i Vaticano, igenekerezo rya 8 Kigarama 2022

 

Fransisko