IJAMBO RY’UMUKURU W’INAMA Y’ABEPISKOPI GATOLIKA B’I BURUNDI MU GUTANGUZA AMEZI ATATU YO GUHIMBAZA IMYAKA IJANA IHEZE PAPA BENEDIGITO WA XV YANDITSE IKETE «UBUTUMWA BUHAMBAYE». (Ku wa 15/8/2019 i Mugera-Gitega)

IJAMBO RY’UMUKURU W’INAMA Y’ABEPISKOPI GATOLIKA B’I BURUNDI MU GUTANGUZA AMEZI ATATU YO GUHIMBAZA IMYAKA IJANA IHEZE PAPA BENEDIGITO WA XV YANDITSE IKETE «UBUTUMWA BUHAMBAYE». (Ku wa 15/8/2019 i Mugera-Gitega)

«Noba ndarwiciriye ntamenyesheje Inkuru nziza» (1 Co 9, 16).

Benicubahiro Bepiskopi bacu, Banyakwubahwa bakuru mu ntwaro y’igihugu cacu twasangiye igisabisho c’uyu musi mukuru, Bavukanyi mwese muri aha, ndabaramukije nti: «Nitugire Yezu na Mariya! Sangwe amahoro ya Yezu Kristu, Umumisiyonari wa Mana Data». Umusi mukuru mwiza w’Iyurizwa mw’ijuru ry’umuvyeyi wacu Bikira Mariya!

Intangamarara

1. Uyu musi mukuru w’Iyurizwa mw’ijuru ry’Umuvyeyi Bikira Mariya duhimbaje, usanzwe ari umusi mukuru uhambaye cane, kw’isi yose no mu gihugu cacu cose. Ariko kuri uyu musozi wa Mugera ho biranasumbirije kubera ko mu mwaka w’i 1961 Abungere bari baragijwe amadiyoseze yariho ico gihe mu Burundi, baragije icese Umuvyeyi Bikira Mariya igihugu cacu. Ntibitangaje kubona tuhahurira turi benshi cane kandi tuvuye mu mihingo yose y’Uburundi bwacu.

2. Uyu musi ho hariho n’iciyongeyeko kuko twashimye ko uba ariwo musi dutangura guhimbaza icese Yubile y’imyaka ijana y’Inyigisho yateye intege Abamisiyonari b’ukwemera gatorika bari bamaze gukwira nka hose kw’isi bavuye mu bihugu vyadutanze kumenya Inkuru nziza ya Yezu Kristu, n’aha iwacu i Burundi bakaba bari bamaze kuhashika, mbere bamaze n’ukuhatanguza imisiyoni zishika zitanu. Iyo nyigisho yiswe mu rurimi rw’ikilatini ngo “Maximum illud” tuyikesha Papa Benedigito XV, yayishikirije kuwa 30 Munyonyo 1919.