IYATIRWA RY’ABASASERDOTI, ABADIYAKONI N'ITANGWA RY’IBICE BIGANA IRYO BANGA MURI DIYOSEZE KATOLIKA YA MUYINGA

IYATIRWA RY’ABASASERDOTI, ABADIYAKONI N'ITANGWA RY’IBICE BIGANA IRYO BANGA MURI DIYOSEZE KATOLIKA YA MUYINGA

Ku musi wa gatandatu, igenekerezo rya 16 Mukakaro 2022, niho Nyenicubahiro Musenyeri Yohakimu Ntahondereye Umwepiskopi wa Diyoseze Gatolika ya Muyinga Nyenicubahiro Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE yatira mu mabanga abasaserdoti 7 n’abadiyakoni 11, n’abandi berekeza kuri iryo banga ry’ubusaserdoti baronse ibice vy’ubukorezi 6 hamwe n'abasomyi 8. Ivyo birori vyabereye muri Paruwase Uwasamwe atagicumuro ya Muyinga.

Kari akanyamuneza kamuje muri Diyoseze yose hamwe no ku bandi batumire bari bitavye ibirori vy'uyo musi. Inkuka ya misa yatanguye igihe c’isaha zine irongowe n'Umwungere akikujwe n’abasaserdoti isinzi, abihebeyimana n’abakristu balayike bavuye hirya no hino muri Diyoseze no mu zindi ntara z’igihugu cacu. Twomenya ko abo basore bari baraye biyemereye mbere bagerekako n'indahiro imbere ya altari nyeranda, imbere y’Umwungere wa diyoseze, n’abasaserdoti babitangiye mu mabanga, kumwe n'igihugu ceranda c'Imana ugushingira intahe ivyo Ekleziya yemera, ukutubaka urwabo hamwe n’uko bazobaho begukiye Diyoseze ya Muyinga.

Kuri uyo musi akanyamuneza karasesekara ku maso y'abari bahakoraniye bose: imikangara ije kugabana ivyo vyiza vy'Imana, abavyeyi, incuti n'abagenzi, abanyacubahiro benshi batandukanye. Banezerejwe n'ivyiza Imana idahengeshanya guha abayo, ndetse banitaba akamo k’Umwungere yabatumirira mu ntango ya misa kuzirikana ivyiza Umukama atugabira biciye ku basaserdoti, ariko kandi ko ari akaryo baronse ko gusabira abo bagira baterwe iryo teka bagashingwa n'amabanga ahambaye.

Mu nyigisho yiwe, Umwungere yaribukije ko umwe wese akwiye kwisanga, akumva ko yaje ku butumire bw'Umukama atawe yipakijeko. Yarerekanye akamaro abasaserdoti bagiye baragira kuva mw’Isezerano rya kera kuri Musa na Yozuwe, aho bayoboye igihugu c'Imana gushika bagishikane mu gihugu c'isezerano gushika aho yerekana uruhara abo bagira batirwe bagiye kuzoba bafise muri benewabo. Yarongeyeko ko ubusaserdoti ari ibanga ribangirwa ingata, ko atawohava yitega kuri iyo misore ko bamuteza imbere mu butunzi ahubwo ko bikwiye ko bama ivyamwa vya Mutima Mweranda, we akomeza urukundo rwa Mana Data mu basavyi biwe. Ntibashobora kwifata nk'abanyakazi canke abakozi barajwe ishinga no kurangura ivyo shebuja abategereza gusa ahubwo bahamagariwe kwitwararika kurangura ivyiza Imana yiteze ku gihugu cayo.

Yagize ati : "Ntitwokwubahuka kwipfuriza uru rwaruka, kwifata nk'abanyakazi, ngo babe abakozi b'Imana, nkaho womengo Imana irakeneye abakozi. Twipfuza cane cane ko bahinduka abatumwa nyabo b'Imana, bitangira ubusho baragijwe kugira ngo banywanishe ivyiza vy'ibatisimu n'ugushaka kwa Mana Data ngo bashobore kwama ivyamwa nyavyo vya Mutima Mweranda".

Umwungere yarerekanye isano riri hagati y'itorwa rya Petero Mweranda n'urugendo abo batumwa bashasha bagira binjizwemwo, ko iryo sakramentu ataco rihava rihindura kuko basa n'uko bangana ariko ko bihindura cane cane ingendo n'imico bigiye kubaranga bakitandukanya n'ico cose coza kubatandukanya n'ishaka riri muvyo bemereye Umukama.

Mugusozera, yaribukije abavyeyi babo, abavukanyi n'abagenzi b'abo bagira batirwe ko umuntu acuka kw'ibere adacuka ku muvyeyi, ko rero batagiye kubarengera, ahubwo ko bakwiye guca barushirizaho kubitaho no kubasabira bisumbirije kugira ngo iryo teka batewe ntirize ribaviremwo ukumaramara no kubibazwa imbere y'Imana igihe vyoramuka bibagoye bakinumira. Yaranababwiye kandi ko batokwirya akara ngo bagiye kuba mu magorofa ngo ni uko baronse abapatiri kuko batirwa ngo babere abandi indongozi mu gushingira intahe Yezu Kristu.

Inyuma y'inkuka ya Misa, ibirori vyaciye bibandaniriza mu kigo citiriwe Musenyeri Nterere ahari hategekanirijwe agatutu ku batumire n’abashitsi b’umuryango wa Diyoseze.

 

Advax NDAYISENGA

SAVACOM