

Kw'igenekerezo rya 5 ndamukiza 2025, Nyenicubahiro Musenyeri Emmanuel NTAKARUTIMANA yaratiwe na Musenyeri Dieudonné DATONOU intumwa ya Nyenubweranda Papa Fransisko mu Burundi. Hari ku kibuga c’umupira w’amaguru c’i Bubanza. None uyo yaraye yatiwe ngo abe umwepiskopi agira gatatu wa Diyoseze katolika iri i Bubanza ni nde? Yaranguye ibiki muri Ekleziya-muryango ishashe i Burundi eka mbere niyishashe ahandi? Yaranguye ibiki muri iki gihugu c'Uburundi canke mu bindi bihugu?
Musenyeri Emmanuel NTAKARUTIMANA yavukiye i Gitega, Paruwasi Katedrale Kristu Mwami yo ku Mushasha muri Diyoseze Nkuru ya Gitega ku wa 30 kigarama 1956. Yahawe ibatisimu ku wa 07 nzero 1957, aronka urusangi rwa mbere ni konfirmasiyo kuwa 25 mukakaro 1963. Vyose yabironkeye muri Paruwaise katedrale Kristu Mwami yo ku Mushasha muri Diyoseze Nkuru ya GITEGA.
Amashure y’intango yayize kw’ishure rya Mushasha i Gitega kuva mu mwaka w’1962 gushika mu mwaka w’1969. Yaciye abandaniriza amashure yiwe mw’Iseminari Ntoya y’i Mugera kuva mu mwaka w’1969 gushika mu mwaka w’1973; aho yahize igice ca mbere c’amashure yisumbuye, ica kabiri naco yakibandanirije mw’Iseminari i Burasira kuva mu mwaka w’1973 gushika mu mwaka w’1976; aho ico gihe hari igisata ca kabiri c’amashure yisumbuye (Séminaire moyen), akaba yaharonkeye urupapuro rw’umutsindo rwa mbere.
Amaze kuronka urupapuro rw’umutsindo yaciye asaba kwinjira mw’Iseminari Nkuru y’i Bujumbura aho yahahereje ivyigwa vya Filozofiya (Philosophie) anaronka n’urupapuro mu mwaka w’1979. Baramwizigiye baca bamurungika kwiga ivyigwa ndoramana (Théologie) muri Kaminuza yegamiye Ekleziya Gatolika i Kinshasa aho yaronkeye urupapuro rw’umutsindo rwa Kaminuza (Licence) mu mwaka w’1986.
Amaze kugaruka mu Burundi, yarigishije mw’Iseminari Nkuru yitiriwe Umweranda Petero Claveri y’i Burasira kuva mu mwaka w’1986 gushika mu mwaka w’1989. Kuva m’umwaka wa 1996 gushika m’umwaka wa 1999, yarigishije ivyigwa vya Teolojiya mw’Iseminari Nkuru yitiriwe Umwerada Papa Yohani Paulo wa Kabiri y’i Gitega. Hagati aho, yarafise ayandi mabanga arangura mu muryango w’Ekleziya : aho yikurikirananije kuyobora igisata co kumenyesha Ijambo ry’Imana (Bureau d’Evangélisation) mu myaka y’1988-1991, 2005-2011, 2015-2021. Mu mwaka w’1990 yari Umunyamabanga w’umurwi w’ubutungane buganisha ku mahoro.
Yatanguye kugira indagano za mbere mu muryango w’abafurera b’Abadominiko ahitwa Ibadan mu gihugu ca Nigéria ku wa 28 Nyakanga 1981. Indagano za burundu muri uwo muryango w’Abafurera yazigiriye i Rweza ku wa 8 myandagaro 1984. Yatiwe mw’Ibanga ry’Ubusaserdoti ku wa 23 myandagaro 1987 i Gitega muri Paruwasi Rukundo. Inyuma yo gukora mu bisata bitandukanye, yahavuye asubira kubandanya amashure ngo anonosore ivyigwa Ndoramana (Théologie) muri Kaminuza y’i Fribourg mu gihugu c’ubu Suisse aharonkera urupapuro rw’umutsindo bita « Doctorat » mu mwaka wa 2001. Mu mwaka wa 2005-2006 yarabandanirije kandi ivyigwa muri Kaminuza yo mu Gihugu c’Afrika y’epfo aho yagiye kwiga ibijanye n’ukwitwararika abagize ihahamuka bahuye n’intambara n’ayandi mabi yose atuma abantu barwara ihahamuka. Aho hose yaharonkeye impapuro zemeza ko yakurikiranye ivyo vyigwa.
Akaba yarakoze mu bisata bitandukanye mu mashirahamwe arwanira agateka ka zina muntu yaba mu gihugu cacu canke mu bindi bihugu bitandukanye aho yagenda arafasha mu nzira y’amahoro n’ubutungane. Aha twovuga bimwe bimwe:
Yararanguye ibikorwa bitandukanye mbere aranandika n’ibitabo bitandukanye bifasha kubana neza mu buntu, amahoro n’ubutungane. Mu buzima bw’igihugu uyo yatiwe mu bwepiskopi yaratumiwe mu manama atandukanye kuremesha ibiganiro mbere no gufasha mu bisata bitandukanye vyo kunagura igihugu. Kw’igenekerezo rya 15 ruhuhuma 2025 niho Nyenubweranda Papa Fransisko yamugena ngo arongore Diyoseze ya Bubanza. Akaba afise icivugo kigira giti : « MUZOMENYA UKURI, MAZE UKWO KURI KUBAGIRE ABIDEGEMVYA » (Yohani 8, 32)
Twibukanye ko kw’igenekerezo rya 1 ndamukiza 2023 ariho Nyenubweranda Papa Fransisko yemera ukuja mu karuhuko k’izabukuru uwararongoye Diyoseze ya BUBANZA, Nyenicubahiro Musenyeri Yohani NTAGWARARA; uyo nawe akaba yari yasubiriye uwayirongoye ubwa mbere Nyenicubahiro Musenyeri Evaristo NGOYAGOYE. Uwo musi nyene Nyenubweranda yaciye agena Nyenicubahiro Musenyeri Georges BIZIMANA ngo abe aramuhagarariye muri Diyoseze ya Bubanza mukurindira ko ironka Umwungere wayo bwegu. Dushimire rero Imana aho ku wa 15 Ruhuhuma 2025 yahavuye yitorera Patiri Emmanuel NTAKARUTIMANA ahava yatirwa mw’ibanga rw’Ubwepiskopi.
Igisata co guhanahana amakuru muri Diyoseze Bubanza