Diyoseze ya Ngozi yaragabanye iparuwase nshasha mu gihe yariko yakira Umwaka mushasha w’ubutumwa

Diyoseze ya Ngozi yaragabanye iparuwase nshasha mu gihe yariko yakira Umwaka mushasha w’ubutumwa

Hari kuri uwu wa 21 nyakanga aho Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi Mukuru wa diyoseze Nkuru ya Bujumbura akaba ahagarariye Papa  muri diyoseze ya Ngozi yugurura Umwaka w’ubutumwa w’2019-2020, mu gisagara ca Kayanza, akaba yaboneyeho n’ugutangaza icese ishingwa rya Paroisse nshasha yaragijwe Kristu Umwami, yubatswe muri ico gisagara, ikaba ivyawe na Paruwase ya Ruganza.

Abasaserdoti, abihebeyimana, abaserikiye intwaro cane cane mu ntara za Kayanza na Ngozi, hamwe n’isinzi ry’abakristu baserukiye amaparuwase ya diyoseze yose bari bitavye urwo rubanza, ngo bākîre uwo mwaka w’ubutumwa, kandi bashigikire n’uwo muryango w’abakristu wari uramutse ugabana iparuwase.

Mu kwitsa Ijambo ry’Imana, uwo Mwepiskopi Mukuru yarasavye ko uwo muryango w’Abakristu ata wundi mwami bokwimika muri ico gisagara atari Kristu, Umwami w’amahoro, kuko ubwami bwiwe butandukanye n’ubwami bwo ng’aha kw’isi. Nkako, Ubwami bwa Kristu si ububanza kwikiza abansi bose. Ni Ubwami burangwa n’urukundo rwitangira abanyakabi, burangwa n’ikigongwe kigirirwa n’ababisha basigaye barabwa nka ruhebwa. Yasavye ko abakristu ko batokwigera batanga Imana kwihebura, gutyo bitwararike ko bose bōshikîrwa n’ubwo Bwami bwa Kristu. Ni na bwo butumwa bwahawe iyo paruwase nshasha yari agiye gushinga.



Inyuma y’inyigisho y’Ijambo ry’Imana, Nyakwubahwa Patiri Melkiyadi Minani, Umunyamabanga ajejwe gushingura ibimangu vya diyoseze, yaciye atangaza ingingo y’Umwepiskopi ishinga iyo paruwase, ikaba igize iya 28 muri diyoseze. Umwepiskopi yaciye abashikiriza Patiri Mukuru w’iyo paruwase, akaba ari Nyakwubahwa Patiri Lino Ndayiragije, agiye gufashanya ubutumwa na Patiri Pasteur Manirakiza.

Mu gusozera inkuka y’imisa, Umwepiskopi Mukuru ahagarariye Papa muri diyoseze yaciye atangaza icese iyugururwa ry’Umwaka mushasha w’ubutumwa w’2019-2020. Muri iki kiringo c’imyaka itanu umuryango wa Diyoseze wihaye ihangiro ry’ukumenya n’uguhwana na Kristu kugira ngo banywane nawe, Umwungere Mukuru yaciye atangaza icivugo kijanye n’intambwe abaryango botera muri urwo rugendo rwo kumenya n’ukunywana na Kristu. Naco ni iki ngo : « Kristu Umwana w’Imana nzima yapfuye akazuka : tumwakire iwacu mu mibano rukristu, atwigishe kuba Ekleziya ndemeshamahoro ».

Yasavye abasaserdoti kuja hamwe n’abo bajejwe mu maparuwase, ngo baze bazirikane ico civugo, mbere anatanga n’uruhusha rw’ugutora ikimenyetso kiboneka coherekeza abakristu mu ntara z’ubutumwa bw’Umwungere : umusaraba, igitabu ca Bibiliya Nyeranda kizinguruye, isanamu ya Kristu Umwami, canke isanamu ya Bikira Mariya. Kukaba nkako, mu mwaka uheze, abakristu bari bafise ikimenyetso c’umusaraba w’urwaruka, diyoseze ya Ngozi yari yasanganiye kuko ari na yo yari iramukiwe gutegura n’ukwakira ihwaniro ry’urwaruka ku rwego rw’igihugu.

 

Patiri Lambert RIYAZIMANA

Ibiro vy’Uguhanahana amakuru vya Diyoseze Ngozi