UMUSI W’IMANA UHARIRIWE IJAMBO RY’IMANA, IJAMBO RY’UMWEPISIYOPI

              «Nidukunde kwihereza Ijambo ry’Imana tugendere mu muco wa Jambo yigize Umuntu».

                

1. Nguyu wa Musi w’Imana Umuvyeyi wacu Papa Fransisko yashinga ngo ubere Abakristu b’Abagatolika bose, umusi w’uguhuza imitima n’ubwenge bahimbaza Ijambo ry’Imana. Hari kuwa 30 Nyakanga mu mwaka uheze, aho yashira umukono ku ngingo-nyigisho idutegeka guhebera uyu musi uguhimbaza, ukuzirikana n’ugusamiriza Ijambo ry’Imana. Yaciye agirako mbere aratumenyesha ko yahisemwo uyu musi w’Imana ugira gatatu inyuma y’imisi mikuru ya Noheli na gatatu nyene, mu gihe gisanzwe ca Liturjiya, kugira ngo uyo mugirwa nyabutatu werekeye Ijambo ry’Imana, uze wame urangurwa mu ndwi y’ugusabira ubumwe bw’abemera Kristu. Arongera aratubwira ko abitumwe n’uko Ijambo ry’Imana ari ryo ryereka abariteze abiri bakarigamburukira inzira ishikana ku bumwe bw’ukuri kandi bukomeye.