AMAHWANIRO KU RWARUKA RURI MU BURUHUKO BWA PASIKA

AMAHWANIRO KU RWARUKA RURI MU BURUHUKO BWA PASIKA

«Inkuka ya Misa n’intango n’agasongero k’ubuzima rukristu. Buri mu kristu wese ahamagarirwa rero kwama aja kuvoma kuri iryo soko ry’intakama»

«Rwaruka, tumurikiwe n’Ingingo z’Inama y’Umuryango, ni twitegurire guhimbaza Yubile mu kuba indemesha nyazo z’amahoro, ugusubiza hamwe n’iterambere rirama». Ico ni icivuga kiriko kigenga amahwaniro y’Urwaruka ariko abera mu maparuwase yose atatse Diyoseze katorika ya Muyinga kuri uyu wa gatatu n’uyu wakane, 15-16 /4/2020.

Ayo mahwaniro y’Urwaruka yategekanijwe kugira afashe urwaruka ruri mu buruhuko bwa Pasika ngo ntirusamazwe n’ibihe turimwo ariko kandi, nkuko kamaze kuba akamenyero, ngo Ekleziya ikomeze kuruherekeza mu gukura kwarwo mu nyigisho nkomezakwemera, nkomezabuntu na nkomezamushaha. Ni muri iyo ntumbero rero ku kirangamwanya hategekanijwe inyigisho zikurikira :

 Ndi mwiza mba heza,
 Ugutatura amatati hadakoreshejwe inguvu,
 Inyifato ibereye umukristu mu gihe c’amatora,
 Umusaraba wa Kristu.



Izo nyigisho zisanganywa n’inkuka ya Misa ya buri musi ngo urwo rwaruka rumenyerezwe kumenya aho ruvoma. Nkako, nkuko Ekleziya ibitwigisha, Inkuka ya Misa n’intango n’agasongero k’ubuzima rukristu. Buri mu kristu rero ahamagarirwa kwama aja kuvoma kuri iryo soko ry’intakama.

Twobamenyesha ko mu ndinganizo y’amahwaniro, buri kiruhuko c’ugwaruka, igisata c’Ubutumwa bw’abalayike muri Diyoseze, kirategekanya ihwaniro ry’urwaruka muri buri Intara z’Ubutumwa. Diyoseze ya Muyinga ikaba ifise intara zine. Ariko kubera imvo z’ikiza catewe n’umugera wa Coronavirus, bahisemwo kugirira amahwaniro ku mirwa mikuru y’amaparuwase ngo bashobore kuba bake gurtyo vyorohe kugira isuku n’ukwirinda kwanduzanya ico kiza.

Patiri Evariste HARERIMANA

SAVACOM