PARUWASE KIGWENA YUBILE Y’IMYAKA 50

“Ni mwebwe munyu w’si! Ni mwebwe muco w’isi! Ni mwisuzume murabe ko mukomeye mu kwemera” (Mat.5,13 ; 2Co 13,5a)"

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Mukakaro mur’uyu mwaka w’2019, umuryango w’abakristu ba paruwasi ya Kigwena, Diyoseze ya Bururi, warasozereye umwaka wo guhimbaza Yubile y’imyaka 50 imaze ishinzwe. Kuri uwo musi nyene harabaye ibirori vy’ukwatira abasore 10 mw’ibanga ry’ubusaserdoti n’abandi 20 mw’ibanga ry’ubudiyakoni. Ibirori vyari birongowe na nyenicubahiro musenyeri Venansi Bacinoni, umwepiskopi wa diyoseze ya Bururi, akikijwe n’abasaserdoti-bafasha biwe.

Akanyamuneza kari kose ku banyamuryango ba Kigwena. Bari bashigukanye n’iyonka, bashajije, baberewe, kandi batekanye. Vyaraboneka ko bahimbawe n’ukwigina ivyiza bamaze imyaka 50 baronse kuva Imana ije kugerera ku mutumba wa Kigwena. Muri bo hakaba harimwo n’abari baje baturuka mu ma paruwasi bahana imbibe n’ayavukamwo abasaserdoti n’abadiyakoni bashasha. Isengero, inyubakwa z’abasaserdoti n’ amabarabara bikaba vyari vyarasanuwe kandi bisharijwe.

Abari baramutse batirwa mw’ibanga ry’ubusaserdoti bari icumi. Amazina yabo ni Alfredi Havyarimana avuka mu Mabanda, Atanazi Niragira na Ernesito Yamuremye bavuka i Martyazo, Libori Cishahayo wo ku Murago, Liyoneri Ndayizeye na Melansi Emerimana bo mu Rumonge, Ludoviko Benyamini w’i Makamba, Prosperi Nzisabira w’i Kibago, Yohani Bosiko Ntakirutimana na Visenti Nkurunziza bavuka mu Minago.