DIYOSEZE YA BURURI: UMUSI MPUZAMAKUNGU WO GUKWIZA HOSE INKURU NZIZA YA YEZU

DIYOSEZE YA BURURI: UMUSI MPUZAMAKUNGU WO GUKWIZA HOSE  INKURU NZIZA YA YEZU

“Uwabatijwe wese ni intumwa”.

Ku musi w’Imana w’igenekerezo ryo 20 Gitugutu muri uyu mwaka w’2019, Diyoseze ya Bururi yarahimbaje umusi mpuzamakungu wo gukwiza hose Inkuru nziza ya Yezu Kristu. Uwo musi wahimbarijwe i Makamba, ibirori bikaba vyaranzwe n’inkuka ya misa yaherejwe na Musenyeri Venansi Bacinoni mw’isengero yitiriwe Petero Kalaveri mweranda.

 

Umwepiskopi wa diyoseze ya Bururi akaba yari akikijwe n’abasaserdoti barangurira ubutumwa mu ntara y’ubutumwa ya Buragane bari baje bava mu ma paruwase ya Makamba nyene, Kanyinya, Mabanda na Canda. Musenyeri Venansi Bacinoni yarashikirije ishengero ry’abakristu icatumye abagendera kuri uwo musi: “ Nje ngo dufashanye guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wo gukwiza hose Inkuru nziza ya Yezu Kristu”. Yaramenyesheje kandi ko kuri uwo umusi diyoseze ya Bururi yari iramutse isozera icese ukwezi kudasanzwe kwo gukwiza hose Inkuru nziza. “Papa Fransisko yashinze ko uku kwezi kw’icumi kw’uno mwaka kwoba ukwezi kudasanzwe kwo kumenyesha hose Inkuru nziza”.

Urwandiko rwa Papa Benedigito wa 15

Nkuko Musenyeri Venansi Bacinoni yabandanije abimenyesha ishengero ry’abakristu, ngo haraciye imyaka 100, Papa Benedigito wa 15, hari mu mwaka w’1919, mu mpera z’ingwano ya mbere y’isi yose, imiryango y’abihebeye Imana itari mike yariko irakwiragira mu mpande nyinshi z’isi ija kumenyesha Inkuru nziza. Uwo muvyeyi w’Ekleziya, avyihweje yasanze hari agahaze. Niko guca ashikiriza urwandiko umuryango w’abakristu bo kw’isi yose kugira ngo ingendo yo gukwiza hose Inkuru nziza ihinduke. Kanatsina ngo mu gukwiragira mu mpande z’isi, abamisiyonari ngo barakunda gutumbera mu bihugu bisanzwe birimwo abantu baturuka mu mavukiro yabo, akarorero nk’abaturuka mu bihugu vya Espanye na Portugari bagatumbera mu mugabane wa Amerika, kugira ngo basangeyo abantu biwabo, babakire baborohereze kandi babamenyereze mu bihe vyo gutangura ibikorwa, kandi bagatumbera ahantu bashoka boroherwa mu rurimi ruhakoreshwa, ntibaruhishwe n’ukumenyera imico n’imigenzo batazi.

Papa Benedigito wa 15 ngo yashaka ko iyo ngendo ihinduka, abamisiyonari bagakwiragira mu bihugu vyose vyo kw’isi bitaramenya Inkuru nziza batabanje kuraba ko bazosangayo abiwabo basangiye indimi, imico n’imigenzo ngo kuko, nkuko Musenyeri Venansi abishimikako ngo Yezu yabwiye abigishwa biwe ngo “kwira isi yose mwigishe abantu bose”.

“Uwabatijwe wese ni intumwa”

 

Nkuko Umwungere wa diyoseze ya Bururi ashishikara abishikiriza, ngo “turiko turahimbaza imyaka 100 urwo rwandiko rwa Papa Benedicto wa 15 rumaze, ariko si uguhimbaza gusa, ni ukugira ngo tuzirikane ukundi gusha ingendo ibereye ubutumwa bwo gukwiza hose Inkuru nziza, kuko budasobanura abantu n’abandi, kuko ubutumwa bwagenewe bose kandi bushinzwe bose, kuko kandi “uwabatijwe wese ari intumwa”.

“I Makamba twararonse iteka ryo kuba imfura, ariko…”

 

Kubona ibirori vyo guhimbaza umusi mpuzamakungu wo gukwiza hose Inkuru nziza vyabereye muri paruwase ya Makamba ntivyaje giturumbuka: umwepiskopi yashimye kuwuhimbariza muri iyo paruwase, kuko ari yo mfura y’ayandi ma paruwase yose ya Diyoseze. Patiri mukuru wayo patiri Petero Niyonkuru avuga ati: “Ego niko i Makamba twararonse iteka ryo kuba imfura mu yandi maparuwase, ariko dukwiye kwisuzuma tukaraba ko iryo teka twagumye turigendera”.

Nkako, nkuko Umwepiskopi yavyibukije, abamisiyonari ba mbere bagitangura kuza mu Burundi batumbereye mu bumanuko bagerera mu Rumonge, ariko ngo ico kibanza nticababereye kuko hadaciye na kabiri batatu muri bo: abasaserdoti babiri n’umulayike yabafasha baciye bagandagurwa, ivyo kumenyesha Inkuru nziza mu bumanuko bica birahagarara. Vyagiye gusubira kuvyuka mu mwaka w’1934, aho abamisiyonari baza gutangura ubutumwa bwabo mu Buragane bagereye ku murambi wa Makamba. Ku bwiwe rero, kwumva ko ngaha i Makamba ari ho izina rya Yezu ryatanguye kuvugirwa mu karere k’ubumanuko ni iteka, ni izina ryiza, ariko kandi ni ubutumwa kuko “uwabatijwe wese ni intumwa”. Kuko kandi, ijambo ry’Imana rivuga ngo: “niwaba watura mu kanwa yuko Yezu ari Umukama, ukemera mu mushaha yuko Imana yamuzuye mu bapfuye uzokira. Kuko ukwemera mu mushaha gushikiriza ubutungane, nakwo ukuvyatura mu kanwa kugashikiriza ubukiriro, kuko umuntu wese yambaza izina ry’Umukama azokira”.

Twobamenyesha kandi hirya no hino muri muri diyoseze, umuryango w’abakristu wari umaze amezi atatu mu bindi bikorwa bitari bike vyo kwitaba akamo ka Papa Fransisko ko guhimbaza ukwezi kudasanzwe kwo gukwiza hose Inkuru nziza. Twovuga nk’igiteramo cabereye ku kirimba citiriwe abamaratiri b’umuvukano i Buta mw’ijoro ry’igenekerezo ya 14 rishira uwa 15 Myandagaro; ikiganiro catunganijwe n’ubuyobozi bw’ibiro vy’ibikorwa vya Papa muri diyoseze cakoranije abasaserdoti ba diyosezi kuwa 30 Ndamukiza 2019; ibiteramo vyaremeshejwejwe hirya no hino mu ma paruwase muri uku kwezi kwa Gitugutu; … Tukanabamenyesha kandi ko mu ma paruwasi yose hariko harashingwa amakomite yo gukwiza hose inkuru nziza.

 

                                                                                                                                            Zenon Nzeyimana