MUSENYERI GEORGES BIZIMANA YARAYE AHIMBAJE YUBILE Y’IMYAKA 25 Y’UBUSASERDOTI

“Agaciro k’ubusaserdoti ntigashingiye ku bukuru, ku butegetsi, ku matungo canke ku bwenge bwa kamere y’ubumuntu… Umusaserdoti ntahabwa ubukuru n’ububasha kugira ngo avyishimire, abikoreshe mu kwironderera inyungu, ahubwo ni ukugira ngo ashishikare igikorwa Yezu yatanguye mu muryango w’abantu”.

                    

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Myandagaro 2019, kari akanyamuneza ntangere kuri Musenyeri Georges Bizimana, Umwungere Samuragwa wa Diyoseze ya Bubanza, aho yari aramutse ahimbaza Yubile y’imyaka 25 y’ubusaserdoti kumwe na Patiri Désiré Cimpaye, umusaserdoti wo muri iyo Diyoseze nyene batiriwe umwaka umwe. Ako kanyamuneza bakaba bagasangiye n’abakristu bo muri Paruwase ya Bubanza yoyo yari iramutse ihimbaza yubile y’imyaka 50. Ubutumwa bwo kumenyesha amakuru muri Diyoseze ya Bubanza bwashimye kubasabikaniriza ijambo uyo mwungere yashikirije inyuma y’inkuka ya Misa.

Ben’icubahiro Bepiskopi muri aha, Basaserdoti b’Umukama, Bihayimana, Bashingantahe Bapfasoni mwese, Rwaruka muri ngaha, Mwese batumire n’abasangwa umwe wese mw’iteka Imana yamuremanye, nitugire Kristu.

Kuri uyu musi w’uguhimbaza imyaka 25 tumaze mw’ibanga ry’ubusaserdoti, jewe na Patiri Désiré CIMPAYE turi n’iteka ry’ugushikiriza icese ubukengurutsi bwacu. Kukaba nkako, ibanga ry’ubusaserdoti risigura kuba ikiraro hagati y’Imana n’abantu. Umusaserdoti Mukuru ari we Yezu Kristu ni we yidondoye ati: “jewe ndi inzira, ukuri n’ubuzima, ntawushikira Data atanciyeko” (Jn 14, 6). Ni we rero yikwije ubusaserdoti bwuzuye, kandi ni we shingiro ry’ubusaserdoti bwose bwo bw’isezerano nshasha. Ni we yafashe ingingo y’ugusangiza ubusaserdoti bwiwe abasaserdoti batowe mu muryango w’abantu kugira ngo bashishikare igikorwa yatanguye c’uguserukira Imana mu bantu n’ukubashikiriza ivyiza igomba kubarimbanya mu rugendo barimwo. Ibitangaza Imana ikorera mu mitima y’abantu yashimye kubicisha ku baserdoti bari mu bunywanyi bw’umwana wayo Yezu Kristu. Ni co gituma mu gihe c’ukwatira umusaserdoti umwepiskopi amusiga amavuta ya Krisma gutyo ububasha bwa Mutima bukamushwara, ari naho Umweranda Fransiko w’i Assise yavyemanze ati: “hamwe nohura n’umusaserdoti ari kumwe n’umumarayika, nobanza kuramutsa umusaserdoti”. Umweranda Yohani Krizostome na we ati: “uwuhaye icubahiro umusaserdoti, aba yubashe Yezu Kristu; uwufashe nabi umusaserdoti na we, aba atutse Yezu Kristu”. Umweranda Yohani Mariya Viyane na we ati: “uwogomba gusenyura ubuyobokeramana bw’ukuri ico yoherako ni ugusinzikaza abasaserdoti”.